Ururirimbo 106
Ni nde aba umugenzi wa Yehova?
1. Umugenzi wawe
Ni nde ga Mana we?
Ni nde yoba mw’ihema ryawe,
Akaba n’uwawe?
N’uwukund’Ijambo
Ryawe se Mukama.
N’intahemuka, akwizera,
Yanka guhengama.
2. Ni nde yokwegera
Ahant’uvyagiye?
Ni nd’aguhimbara ga ncuti?
Ni nde wikundiye?
N’uwugushemeza
Yirind’uburyarya.
N’umwizigirwa, atabesha,
Ata ruswa arya.
3. Mu maganya yacu
Ni wewe twitura.
Uratugira abagenzi,
Kand’ukatwirura.
Nta wundi twogira
Umugenzi nkawe.
N’umugenzi nde yokuruta?
Oya ntuze, ntawe.
(Raba kandi Zab. 139:1; 1 Pet. 5:6, 7.)