Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 10

“Ndi hano! Ntuma”

“Ndi hano! Ntuma”

(Yesaya 6:8)

1. Abaguma bat’iceyi

Ku Mana bo si bakeyi.

Ngo ntinezwe iminiho.

Ngw’ekaye “nta Man’iriho.”

Ni nde rya zina yoryeza?

Ni nde azorishemeza?

“Mukama ndi hano! Ntuma.

Nzokuyaga niv’inyuma.

(ICITABIRIZO)

Ni ’teka ntangere, Mukama.

Ndi hano! Ntuma, ntuma.”

2. Basamanga ngw’iratevye

Kandi yoy’itabahevye.

Ibuye rirunamirwa;

Sezari ni we yumvirwa.

Ni nde azobaburira?

Ya ndwan’akayibabwira?

“Mukama ndi hano! Ntuma,

Mburir’abo bakuvuma.

(ICITABIRIZO)

Ni ’teka ntangere, Mukama.

Ndi hano! Ntuma, ntuma.”

3. Abitonda bagandaye

Kuber’ikibi ciraye.

Bahitamwo kwumv’imburi

Yo kurondera kwa kuri.

Ni nd’azobahumuriza?

Ni nd’azoberek’iciza?

“Mukama ndi hano! Ntuma.

Nzobigisha sinzonuma.

(ICITABIRIZO)

Ni ’teka ntangere, Mukama.

Ndi hano! Ntuma, ntuma.”

(Raba kandi Zab. 10:4; Ezk. 9:4.)