Ururirimbo 77
Tubabarire abandi
1. Yehova yatumye
Twebwe tubabarirwa
Ibicumuro dukora,
Urupfu tugakizwa.
Twigaye vyo ku mutima,
Ikigongw’araduha
Yisunz’incungu ya Kristu,
Tutarinze kuruha.
2. Turonk’imbabazi
Iyo twigan’Imana
Tukagaragaz’impuhwe,
Tukababarirana.
Twame twihanganirana,
Ata kubabazanya,
Duh’iteka mwene wacu;
Nta coduhungabanya.
3. Twamany’imbabazi
Tukazitsimbataza,
Tuzoba twirinz’inzigo;
Urwanko tuzobaza.
Yehova nitwamwigana,
Tukabigir’ingendo,
Tuzobabara abandi
Bitarimw’uruhendo.
(Raba kandi Mat. 6:12; Ef. 4:32; Kol. 3:13.)