Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 77

Tubabarire abandi

Tubabarire abandi

(Zaburi 86:5)

1. Yehova yatumye

Twebwe tubabarirwa

Ibicumuro dukora,

Urupfu tugakizwa.

Twigaye vyo ku mutima,

Ikigongw’araduha

Yisunz’incungu ya Kristu,

Tutarinze kuruha.

2. Turonk’imbabazi

Iyo twigan’Imana

Tukagaragaz’impuhwe,

Tukababarirana.

Twame twihanganirana,

Ata kubabazanya,

Duh’iteka mwene wacu;

Nta coduhungabanya.

3. Twamany’imbabazi

Tukazitsimbataza,

Tuzoba twirinz’inzigo;

Urwanko tuzobaza.

Yehova nitwamwigana,

Tukabigir’ingendo,

Tuzobabara abandi

Bitarimw’uruhendo.