Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 14

Ibintu vyose bigizwe bishasha

Ibintu vyose bigizwe bishasha

(Ivyahishuwe 21:1-5)

1. Erega ya ntwaro yaratanguye.

Haganz’uw’Imana yacaguye.

Mw’ijur’abansi barahavuye.

Hazokorw’ivyo Yehov’avuze.

(ICITABIRIZO)

Munezerwe, kukw’Imana

N’abant’ubu birabana.

Nta mubabaro tuzogira,

Rwab’urupfu cank’amarira.

Iman’iti: ‘Ndabigize bisha.’

Ntishobora kubesha.

2. Mwese rabe Yeruzalemu musha,

Ubwiza bos’arabubarusha.

Asharijw’ivy’igiciro gusa,

Kand’umuco wiwe ni Yehova.

(ICITABIRIZO)

Munezerwe, kukw’Imana

N’abant’ubu birabana.

Nta mubabaro tuzogira,

Rwab’urupfu cank’amarira.

Iman’iti: ‘Ndabigize bisha.’

Ntishobora kubesha.

3. Bose bazohimbarwa n’uwo murwa.

Amarembo yawo ntazugarwa.

Amahang’azobonesherezwa.

Basuku nimwame mumurika.

(ICITABIRIZO)

Munezerwe, kukw’Imana

N’abant’ubu birabana.

Nta mubabaro tuzogira,

Rwab’urupfu cank’amarira.

Iman’iti: ‘Ndabigize bisha.’

Ntishobora kubesha.