Ururirimbo 15
Ivyaremwe birahishura ubuninahazwa bwa Yehova
1. Yehova we, jewe ndazi neza
Kw’inyenyeri zama zigukeza.
Ntizireka kuvuga zigisha,
Abitonda bo zikabumvisha.
Ntizireka kuvuga zigisha
Abitonda bo zikabumvisha.
2. Washizeho izuba n’ukwezi,
Ibiyaga vyuzuy’inkomezi.
Amajuru yawe ahambaye
Tuyaravye twumva dutangaye.
Amajuru yawe ahambaye
Tuyaravye twumva dutangaye.
3. Ivyagezwe vyawe n’agahore,
Ubitanga ngo bitugorore.
Nta nzahabu bingany’agaciro.
Ni vyo twese twoshira mu ngiro.
Nta nzahabu bingany’agaciro.
Ni vyo twese twoshira mu ngiro.
(Raba kandi Zab. 12:6; 89:7; 144:3; Rom. 1:20.)