Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 17

Tere muja imbere, yemwe Vyabona!

Tere muja imbere, yemwe Vyabona!

(Luka 16:16)

1. Abasuku b’Imana twiyemeje

Kuvuga ya nkuru nziza dukobeje.

Naho Shetan’atatwerekwa,

Turaj’imbere nta bwoba duterwa.

(ICITABIRIZO)

Rero yemwe Vyabona nimuj’imbere!

Gukorana n’Imana bibanezere!

Menyesha hose kw’isi nshash’igir’ize,

Kw’imihezagiro yimirije.

2. Twe ngabo za Ya ntitwidibamira;

Guhimbar’isi si vyo duharanira.

Ntitwanduzwe n’uru runganwe,

Tub’abatunganye naho duhanzwe.

(ICITABIRIZO)

Rero yemwe Vyabona nimuj’imbere!

Gukorana n’Imana bibanezere!

Menyesha hose kw’isi nshash’igir’ize,

Kw’imihezagiro yimirije.

3. Ivy’Ubwami bw’Imana barihoza,

Izina ryayo na ryo bakarityoza.

Vyabona, nimuze turyeze.

Mu mahanga yose turishemeze.

(ICITABIRIZO)

Rero yemwe Vyabona nimuj’imbere!

Gukorana n’Imana bibanezere!

Menyesha hose kw’isi nshash’igir’ize,

Kw’imihezagiro yimirije.