Ururirimbo 18
Urukundo rudahemuka rw’Imana
1. Yehova yuzuye
Urukundo nyakuri.
Rwatumye atwibuka
Adutangir’inkuka,
Kugira twikundirwe,
Twironker’ubuhirwe.
(ICITABIRIZO)
Mwes’abanyotew’ingo
Ku mazi y’ubuzima
Munywe ku buntu mube
Ab’Iman’ishima!
2. Yehova yuzuye
Urukundo nyakuri.
Ubu turahiriwe!
Yimits’Umwana wiwe,
Ngo tub’abahimbawe
K’Ubwami yabuhawe.
(ICITABIRIZO)
Mwes’abanyotew’ingo
Ku mazi y’ubuzima
Munywe ku buntu mube
Ab’Iman’ishima!
3. Yehova yuzuye
Urukundo nyakuri.
Natwe dufashe barya
Batagir’uburyarya
Mu gikorwa twashinzwe,
Bose bahumurizwe.
(ICITABIRIZO)
Mwes’abanyotew’ingo
Ku mazi y’ubuzima
Munywe ku buntu mube
Ab’Iman’ishima!
(Raba kandi Zab. 33:5; 57:10; Ef. 1:7.)