Ururirimbo 21
Hahiriwe abanyembabazi!
1. Hahiriw’ab’imbabazi!
Ku Mana ni beza nanzi.
Babwir’abakund’iciza
Kw’Iman’izobumviriza.
Incungu yarayitanze
Ku bw’icaha kiduhanze,
Ibabarir’abitonda;
Izi ko tubuz’ingoga.
2. Abantu bigan’Imana
Ku mbabazi berekana
Na bo barahungukira,
Kuko ibababarira.
Rero bozigaragaza
Mu kugenda kwamamaza.
Tubwire abatuntuye
Ko ya ntwaro yatanguye.
3. Abitonda bazobona
Ko ku Mana bo batona.
Kw’imbabazi bazigira,
Na yo izozibumvira.
Natw’ingo tuvyigorere,
Twerekan’iyo kamere,
Nk’uko Yehov’atwigisha.
Kandi bizomushimisha.
(Raba kandi Luka 6:36; Rom. 12:8; Yak. 2:13.)