Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 21

Hahiriwe abanyembabazi!

Hahiriwe abanyembabazi!

(Matayo 5:7)

1. Hahiriw’ab’imbabazi!

Ku Mana ni beza nanzi.

Babwir’abakund’iciza

Kw’Iman’izobumviriza.

Incungu yarayitanze

Ku bw’icaha kiduhanze,

Ibabarir’abitonda;

Izi ko tubuz’ingoga.

2. Abantu bigan’Imana

Ku mbabazi berekana

Na bo barahungukira,

Kuko ibababarira.

Rero bozigaragaza

Mu kugenda kwamamaza.

Tubwire abatuntuye

Ko ya ntwaro yatanguye.

3. Abitonda bazobona

Ko ku Mana bo batona.

Kw’imbabazi bazigira,

Na yo izozibumvira.

Natw’ingo tuvyigorere,

Twerekan’iyo kamere,

Nk’uko Yehov’atwigisha.

Kandi bizomushimisha.