Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 29

Tugendere mu gutungana

Tugendere mu gutungana

(Zaburi 26)

1. Nunsuzume, unyihweze Mana.

Raba ko nkwizera kandi ngatungana.

Ngeza, Mwami; ntyoror’umutima,

N’umuzirikanyi ngo ndonk’ubuzima.

(ICITABIRIZO)

Ewe Mana, jew’ugutungana

Ni kwo nzogendana, Ni kwo nzokwamana.

2. Sinicara hamwe n’ababisha.

Nank’abank’ukuri, bashaka kwihisha.

Ntunyicane n’inkozi z’ibibi,

Zimwe zirya ruswa zikinz’agahwibi.

(ICITABIRIZO)

Ewe Mana, jew’ugutungana

Ni kwo nzogendana, Ni kwo nzokwamana.

3. Je nakunze inzu wew’ubamwo.

Nzoguma ngusenga kandi nkwiyumvamwo,

Nkikuze ca gicaniro cawe,

Name nkenguruka, nkuyage mpimbawe.

(ICITABIRIZO)

Ewe Mana, jew’ugutungana

Ni kwo nzogendana, Ni kwo nzokwamana.

(Raba kandi Zab. 25:2.)