Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 2

Turagushimira, Yehova

Turagushimira, Yehova

(1 Abatesalonika 5:18)

1. Turagushimira Yehova Mana,

K’uduh’umuco tukawamana.

Turagushimira ko dushobora

Kukuganyira mu bitugora.

2. Turagushimira Yehova Dawe

Ko waduhaye wa Mwana wawe.

Turagushimira k’utuyobora,

Ivyo twemeye tukabikora.

3. Turagushimira, kuko twigisha

Izina ryawe tutarihisha.

Turagushimira k’uzodukiza

Ivyago, hace hamah’ivyiza.