Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 30

Yehova atanguye kuganza

Yehova atanguye kuganza

(Ivyahishuwe 11:15)

1. Uyu n’umusi mwiza. Iman’ub’iraganza.

Yashinze i Siyoni rya buye.

Amajwi nimuduze; Yiririmbire ntuze.

Kristu yimitswe; Bwa Bwami bwatanguye.

(ICITABIRIZO)

Uzozan’iki ga wa Bwami?

Ukuri n’ubutungane.

Be n’iki kandi ga wa Bwami?

Kubaho ata ngorane.

Nimushemeze Segaba,

Kukw’akundana cane.

2. Ivy’isi birashaje Harmagedon’iraje.

Isi ya Shetan’igir’ihere.

Amamaza wihuta, bwira benshi kuruta.

Abitonda nibaze bayikorere.

(ICITABIRIZO)

Uzozan’iki ga wa Bwami?

Ukuri n’ubutungane.

Be n’iki kandi ga wa Bwami?

Kubaho ata ngorane.

Nimushemeze Segaba,

Kukw’akundana cane.

3. Ni we Mutware nyawe Twigina duhimbawe.

Mwubahe, aje mw’izina rya Se.

Gende mu rusengero; ambaz’Imana rero.

Harageze kw’aganza vyigaragaze.

(ICITABIRIZO)

Uzozan’iki ga wa Bwami?

Ukuri n’ubutungane.

Be n’iki kandi ga wa Bwami?

Kubaho ata ngorane.

Nimushemeze Segaba,

Kukw’akundana cane.