Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 34

Tugendere izina ryacu

Tugendere izina ryacu

(Yesaya 43:10-12)

1. Yehova Mana Mushoboravyose,

Nturenganya kand’urakundana.

Sôko ry’ukuri n’ubukerebutsi,

Uri Segaba nta we mungana.

Turahimbarwa no kugukorera

Tukurata mu murimo wacu.

(ICITABIRIZO)

Kub’Ivyabona vyawe n’agateka.

Ese twogender’izina ryacu.

2. Kugukorer’igikorwa ceranda

Bituma tuguma mu mahoro.

Turanezerwa tukuninahaje,

Ni na co tugirir’akigoro.

Kwitirirw’izina ryawe, Yehova,

Ese vyotum’uratwa mu bantu.

(ICITABIRIZO)

Kub’Ivyabona vyawe n’agateka.

Ese twogender’izina ryacu.