Ururirimbo 34
Tugendere izina ryacu
1. Yehova Mana Mushoboravyose,
Nturenganya kand’urakundana.
Sôko ry’ukuri n’ubukerebutsi,
Uri Segaba nta we mungana.
Turahimbarwa no kugukorera
Tukurata mu murimo wacu.
(ICITABIRIZO)
Kub’Ivyabona vyawe n’agateka.
Ese twogender’izina ryacu.
2. Kugukorer’igikorwa ceranda
Bituma tuguma mu mahoro.
Turanezerwa tukuninahaje,
Ni na co tugirir’akigoro.
Kwitirirw’izina ryawe, Yehova,
Ese vyotum’uratwa mu bantu.
(ICITABIRIZO)
Kub’Ivyabona vyawe n’agateka.
Ese twogender’izina ryacu.
(Raba kandi Gus. 32:4; Zab. 43:3; Dan. 2:20, 21.)