Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 39

Amahoro twifitiye

Amahoro twifitiye

(Yohani 14:27)

1. Ya Mana y’amahoro

Kandi y’ubumwe

Izokurah’insoro

Tuvuge rumwe.

Wa Mwana yiremeye

Ni w’azorwana

Ya ntambar’ibereye,

Hav’ukwicana.

2. Amajamb’acumita

Yatuvuyemwo.

Icumu n’imbugita

Twabicuzemwo

Ibintu vy’amahoro,

Twiga kubana.

Tugir’ako kigoro

Ko kwumvikana.

3. Nimuze tuyamane

Ibihe vyose.

Duseng’Imana cane

Ngw’iyaturonse

Muze tuyarondere turindiriye,

Wa mus’ugir’ugere

Ngo bitungane.

(Raba kandi Zab. 46:9; Yes. 2:4; Yak. 3:17, 18.)