Ururirimbo 111
Izohamagara
1. Ubuzima ni nk’urume gusa,
Bunyaruka kwigira.
Ntiduteba guhinduk’ubusa;
Hasigar’amarira.
Umunt’apfuye, mbega yobaho?
Iman’itwizeza ko:
(ICITABIRIZO)
Izohamagara maze
Abapfu bayitabe.
Kukw’igikorwa cayo
Izob’igishashaye.
Izere kw’izotuzura
Kandi ntukekeranye,
Tubeh’ibihe vyose
Nk’uko yasezeranye.
2. Ab’Imana naho bokwipfira,
Baguman’agaciro.
Bazozurwa, yo ntibibagira,
Ibakure mw’itiro.
Tuziyamira mu munezero,
Muri ya Paradizo.
(ICITABIRIZO)
Izohamagara maze
Abapfu bayitabe.
Kukw’igikorwa cayo
Izob’igishashaye.
Izere kw’izotuzura
Kandi ntukekeranye,
Tubeh’ibihe vyose
Nk’uko yasezeranye.
(Raba kandi Yoh. 6:40; 11:11, 43; Yak. 4:14.)