Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 116

Umuco urarushiriza gukayangana

Umuco urarushiriza gukayangana

(Imigani 4:18)

1. Abahanuzi bipfuje Mesiya,

We cizigiro ku barira.

Impwemu yarahishuye ko yoje

Gutang’uburyo bwo gukira.

Mesiya rero ub’arahangamye,

Ivyo biribonekeza.

Ibaze! Tuz’ivy’abamarayika

Na bone bipfuza kwihweza!

(ICITABIRIZO)

Umuc’ugum’ukayangana

Tugac’ahabona neza.

Raba ivy’Iman’ihishura;

Igum’iduherekeza.

2. Yezu yarageny’umushumba mwiza

Atugaburira ku gihe.

Umuco wagiye uriyongera,

Ng’ubwenge bwacu bukarihe.

Duca mu nzir’irushaho kubona,

Duca mu muco wakaka.

Non’ubu tubikesheje Yehova,

Turaca mu nzira ashaka.

(ICITABIRIZO)

Umuc’ugum’ukayangana

Tugac’ahabona neza.

Raba ivy’Iman’ihishura;

Igum’iduherekeza.