Ururirimbo 116
Umuco urarushiriza gukayangana
1. Abahanuzi bipfuje Mesiya,
We cizigiro ku barira.
Impwemu yarahishuye ko yoje
Gutang’uburyo bwo gukira.
Mesiya rero ub’arahangamye,
Ivyo biribonekeza.
Ibaze! Tuz’ivy’abamarayika
Na bone bipfuza kwihweza!
(ICITABIRIZO)
Umuc’ugum’ukayangana
Tugac’ahabona neza.
Raba ivy’Iman’ihishura;
Igum’iduherekeza.
2. Yezu yarageny’umushumba mwiza
Atugaburira ku gihe.
Umuco wagiye uriyongera,
Ng’ubwenge bwacu bukarihe.
Duca mu nzir’irushaho kubona,
Duca mu muco wakaka.
Non’ubu tubikesheje Yehova,
Turaca mu nzira ashaka.
(ICITABIRIZO)
Umuc’ugum’ukayangana
Tugac’ahabona neza.
Raba ivy’Iman’ihishura;
Igum’iduherekeza.
(Raba kandi Rom. 8:22; 1 Kor. 2:10; 1 Pet. 1:12.)