Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 91

Dawe, Imana yanje, akaba n’Umugenzi wanje

Dawe, Imana yanje, akaba n’Umugenzi wanje

(Abaheburayo 6:10)

1. Nah’ubuzima bw’ubu

Burimw’intuntu n’amarira,

Je sinduhir’ubusa.

Ntaho niganyira.

(ICITABIRIZO)

Mana ntiyibagira

Urukundo je nerekanye.

Yehov’anyama hafi,

Kandi ni we yanzigamye.

Ni we Muremy’antunze,

Umutabazi w’inkomezi.

Ni we Dawe,

Mana yanje N’Umugenzi.

2. Nah’ubuto bwagiye

Imisi mib’ikaba yaje,

Naman’icizigiro

N’ukwizera kwanje.

(ICITABIRIZO)

Mana ntiyibagira

Urukundo je nerekanye.

Yehov’anyama hafi,

Kandi ni we yanzigamye.

Ni we Muremy’antunze,

Umutabazi w’inkomezi.

Ni we Dawe,

Mana yanje N’Umugenzi.

(Raba kandi Zab. 71:17, 18.)