Ururirimbo 65
‘Ng’iyi inzira’
1. Har’inzira nziza
Kandi y’amahoro.
Ni ya nzira wiga
Ugiz’akigoro.
Imwe Yezu Kristu
Wumva akwigisha.
Ng’iy’inzira nyayo
Yehov’adahisha.
(ICITABIRIZO)
Ng’iy’inzira, emwe, Ng’iy’inzira.
Ntukebuke, Wohav’uzimira!
Yehova ati: ‘Ng’iy’inzira.
Rab’imbere, ego, Ng’iy’inzira.’
2. Har’inzira nziza
Kandi y’urukundo.
Yehova ni na yo
Avuga ducemwo.
Urukundo rwiwe
Rushika ku nyota.
Ng’iy’inzira nziza,
Ya yindi tutota.
(ICITABIRIZO)
Ng’iy’inzira, emwe, Ng’iy’inzira.
Ntukebuke, Wohav’uzimira!
Yehova ati: ‘Ng’iy’inzira.
Rab’imbere, ego, Ng’iy’inzira.’
3. Har’inzira nziza
Kandi y’ubuzima.
Iman’ivuga ko
Ari yo twoshima.
Ni yo y’ubuzima,
Nta yindi tworonka.
Ng’iy’inzir’ishika.
Man’uradukunda!
(ICITABIRIZO)
Ng’iy’inzira, emwe, Ng’iy’inzira.
Ntukebuke, Wohav’uzimira!
Yehova ati: ‘Ng’iy’inzira.
Rab’imbere, ego, Ng’iy’inzira.’
(Raba kandi Zab. 32:8; 139:24; Imig. 6:23.)