Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 87

Ubu rero turi umwe

Ubu rero turi umwe

(Itanguriro 2:23, 24)

1. Uyu ni we gufa ryanje,

Umubiri wanje, araje.

Iman’impay’umugenzi,

Azomber’uwanje.

Ubu rero tubay’umwe,

Nk’ukw’Imana yashats’ubumwe.

Bwa mugabo n’umugore,

Twubake rugume,

Yehova tumusukurire

Tunamwumvire

Kandi twikundanire.

Bibe nk’uko turaganye

Twibanire mu gahimbare.

Duter’iteka Yehova,

Wam’uri rukundo rwanje.