Ururirimbo 47
Tumenyeshe ya nkuru nziza
1. Bwa Bwami ntitwari Tuz’ibiburanga.
Ubu rwa Ruvyaro ntirukir’ibanga.
Yehova ni we Mana y’ubutungane.
Yabonye ko tumerewe nabi cane
Ac’agena wa Mwami w’intahemuka.
Hogez’igihe ya ntwaro Y’Ubwami ivuka.
Abagiz’ubusho buto bozaniwe
Uwo Mwana bakab’umugeni wiwe.
2. Ubu turatangaza Ya nkuru nziza.
Yehov’ashaka ko tuyikwiragiza.
Abamarayika baramushimisha,
Bakadufasha kuyimenyekanisha.
Turi n’ibanga be n’iteka twatewe
Vyo guhay’izina ryiwe Tunezerewe.
Twaratew’iteka ryo kumwitirirwa,
Tuvuge ya nkuru nziza vyihutirwa.
(Raba kandi Mrk. 4:11; Ivyak. 5:31; 1 Kor. 2:1, 7.)