Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 47

Tumenyeshe ya nkuru nziza

Tumenyeshe ya nkuru nziza

(Ivyahishuwe 14:6, 7)

1. Bwa Bwami ntitwari Tuz’ibiburanga.

Ubu rwa Ruvyaro ntirukir’ibanga.

Yehova ni we Mana y’ubutungane.

Yabonye ko tumerewe nabi cane

Ac’agena wa Mwami w’intahemuka.

Hogez’igihe ya ntwaro Y’Ubwami ivuka.

Abagiz’ubusho buto bozaniwe

Uwo Mwana bakab’umugeni wiwe.

2. Ubu turatangaza Ya nkuru nziza.

Yehov’ashaka ko tuyikwiragiza.

Abamarayika baramushimisha,

Bakadufasha kuyimenyekanisha.

Turi n’ibanga be n’iteka twatewe

Vyo guhay’izina ryiwe Tunezerewe.

Twaratew’iteka ryo kumwitirirwa,

Tuvuge ya nkuru nziza vyihutirwa.