Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 97

Tuje imbere, yemwe basuku ba bwa Bwami!

Tuje imbere, yemwe basuku ba bwa Bwami!

(2 Timoteyo 4:5)

1. Tuj’imbere mu kwamamaza

Bwa Bwami kuri bose.

Ko dukunda abantu nkatwe

Ukuri tubaronse.

Kuba dukorera Yehova

Ni ko gateka ntangere.

Ja mu ndimiro wamamaze

Rya zina maze bemere.

(ICITABIRIZO)

Tuj’imbere tuvuge bwa Bwami

Twivuy’inyuma.

Tuj’imbere; kuri Yehova

Ni ho tuzoguma.

2. Yemwe basuku tuj’imbere,

Twiteze bwa buzima.

Twisunge umwe Databuja,

Dutyoroy’imitima.

Ya nkuru nziza ya bwa Bwami

Bose bakwiye kuyumva.

Yehova ni w’aduh’inguvu,

Tukavuga twiv’inyuma.

(ICITABIRIZO)

Tuj’imbere tuvuge bwa Bwami

Twivuy’inyuma.

Tuj’imbere; kuri Yehova

Ni ho tuzoguma.

3. Twese tugume tuj’imbere,

Na ya masigarira.

Mwebwe mukuze namwe bato,

Ukuri kurikira.

N’iteka gukorer’Imana,

Ntidusenge twikurayo.

Mu nyifato twerek’Imana

Yuko tur’abantu bayo.

(ICITABIRIZO)

Tuj’imbere tuvuge bwa Bwami

Twivuy’inyuma.

Tuj’imbere; kuri Yehova

Ni ho tuzoguma.