Ururirimbo 97
Tuje imbere, yemwe basuku ba bwa Bwami!
1. Tuj’imbere mu kwamamaza
Bwa Bwami kuri bose.
Ko dukunda abantu nkatwe
Ukuri tubaronse.
Kuba dukorera Yehova
Ni ko gateka ntangere.
Ja mu ndimiro wamamaze
Rya zina maze bemere.
(ICITABIRIZO)
Tuj’imbere tuvuge bwa Bwami
Twivuy’inyuma.
Tuj’imbere; kuri Yehova
Ni ho tuzoguma.
2. Yemwe basuku tuj’imbere,
Twiteze bwa buzima.
Twisunge umwe Databuja,
Dutyoroy’imitima.
Ya nkuru nziza ya bwa Bwami
Bose bakwiye kuyumva.
Yehova ni w’aduh’inguvu,
Tukavuga twiv’inyuma.
(ICITABIRIZO)
Tuj’imbere tuvuge bwa Bwami
Twivuy’inyuma.
Tuj’imbere; kuri Yehova
Ni ho tuzoguma.
3. Twese tugume tuj’imbere,
Na ya masigarira.
Mwebwe mukuze namwe bato,
Ukuri kurikira.
N’iteka gukorer’Imana,
Ntidusenge twikurayo.
Mu nyifato twerek’Imana
Yuko tur’abantu bayo.
(ICITABIRIZO)
Tuj’imbere tuvuge bwa Bwami
Twivuy’inyuma.
Tuj’imbere; kuri Yehova
Ni ho tuzoguma.
(Raba kandi Zab. 23:4; Ivyak. 4:29, 31; 1 Pet. 2:21.)