Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 73

Dukundane cane bivuye ku mutima

Dukundane cane bivuye ku mutima

(1 Petero 1:22)

1. Urukundo twe twogira

Ahantu rutangurira

Ni mu mutima wakira

Utarobanuye.

Tuzoza turerekana

Urukundo dukundana

Nk’ukw’Iman’irwerekana;

Twarabitahuye.

Dukundane mu ngiro,

Ni rwo rukundo rw’agaciro.

Dufash’abigorewe,

Tuze turanyaruka.

Twamye turutsimbataza

Kandi rukigaragaza

Ntaho tuzobararaza.

Ntaho tuzohemuka,

Ivyo tuzovyibuka.

2. Rugwiriye, rugakura,

Tuzoteba gushavura,

Kubera ko dutahura

Barya bene wacu.

Twame tubiyegereza,

Tubone yukw’ari beza.

Kwikoranya vyongereza

Inkomezi zacu.

Kw’ata mus’urengana

Tudakoz’icaha ku Mana.

Tugiz’impuhwe ku bo

Yehova yikundira,

Tuzokundana vy’ukuri,

Ata kudohoka kuri

Ka karanga k’ico turi.

Nk’ukw’Iman’itubwira,

Twame twikundanira.