Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 52

Rinda umutima wawe

Rinda umutima wawe

(Imigani 4:23)

1. Nurind’umutima wawe

Ng’uronk’ubuzima.

Iman’irabona vyose,

N’ivyo mu mutima.

Umutim’uraba mubi

Kand’ukazimira.

Nuwuyoboran’ubwenge,

Kandi ntut’inzira.

2. Tegur’umutima wawe

Uronder’Imana.

Yishemez’uyiyagire

Kand’uzirikana.

Ivyo Yehova yigisha

Tubigamburuke.

Nitwame tumushimisha,

Ntitugahemuke.

3. Kingir’umutima wawe

Ibintu vy’ububi

Nyengeterwa na rya Jambo,

Ntugwe mu rudubi.

Abo Yehova akunda

Ni za ntahemuka.

Niwame rer’umusenga,

Ugum’umwibuka.