Ururirimbo 67
Senga Yehova buri musi
1. Senga Yehova uzokwumvirwa.
Ni ’teka kuba tumwitirirwa.
Muyagire vyos’utamuhisha.
Numwizigire azogufasha.
Musenge buri musi.
2. Senga Yehova, umushimira.
Tumwiture azoduharira.
Tumwaturire twe bacumuzi.
Ni we yaturemye, aratuzi.
Musenge buri musi.
3. Senga Yehova no mu ngorane.
Ni we Dawe, Umwe w’intungane.
Azokurinda gum’umwisunga.
Mwizigire ni w’azogutunga.
Musenge buri musi.
(Raba kandi Mat. 6:9-13; 26:41; Luka 18:1.)