Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 70

‘Twiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi’

‘Twiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi’

(Abafilipi 1:10)

1. Turakeneye ugutahura,

Tumeny’ico twokora

Kumeny’ibihambaye kuruta

Niho twobishobora.

Kund’iciza, wank’ikibi

Nk’uko kiri.

Nezerez’Imana, wam’usenga.

Nta makenga

Ivyo ni ’bintu bihambaye.

2. Nta kiruta kuvuga ya nkuru

Nziza, yez’umutima,

Turonder’intama za Data,

Zihitemwo bwa buzima.

Tubiteho, tubigishe

Tubumvishe

Tubakunde, tuzir’uburyarya,

Kuko harya

Kubigisha birahambaye.

3. Nitwitwararik’ibihambaye

Bikaba ryo hangiro,

Tuzokwironker’amahoro,

Tugire n’icizigiro.

Tuzoronka n’abagenzi,

Kandi benshi.

Tuzohezagirwa dutahuye,

Turimbuye,

Kandi dukoz’ibihambaye.