Ururirimbo 53
Dukorane mu bumwe
1. Twashizwe mu ruhongore,
Tukiberaho impore.
Nk’uko vyari vyaravuzwe
Twifitiy’ubumwe.
Turakund’ubumwe,
Burasosa pe!
Mu gikorwa ca Yehova
Hari vyinshi vyo gukora.
Dusukure tuticuza,
Dukore duhuza.
2. Ubumwe nitwabusaba,
Nta nkeka buzotwitaba,
Urukundo n’amahoro
Bizob’umuyoro.
Amahor’azana
Agahimbare.
Nitwakund’abavukanyi,
Tukaba n’abakiranyi,
Ubumwe tuzobwamana,
Dukorer’Imana.
(Raba kandi Mika 2:12; Zef. 3:9; 1 Kor. 1:10.)