Ururirimbo 75
Imvo zituma tunezerwa
1. Imvo zituma tunezerwa
Ntizigir’igitigiri.
Ivy’igiciro mw’isi yose
Bisendanish’ar’indiri.
Akamwemwe gashinz’imizi
Muri rya jambo rizima.
Kwama turyiga bituronsa
Ukwizera mu mutima.
Mu mutima turarurumba
Nya mvo z’akanyamuneza.
Nah’ivyago bidusatira,
Yehov’aradukomeza.
(ICITABIRIZO)
Yehova we Mana ni we
Munezero wacu, mbere
Yuzuy’ineza, kand’ivy’akora
N’ibihambaye ntangere!
2. Ijuru n’isi n’ikiyaga
Biratey’igomwe yemwe!
Duca tumuh’amashi menshi
Twitegerej’ivyaremwe.
Ubu twama dushing’intahe,
Bwa Bwami tukamamaza,
Ivyiza buzotuzanira
Hose tukavyandagaza.
Tuzohimbarw’ibihe vyose,
Urweze rusasagare.
Rya juru na ya si bishasha
Bizozan’agahimbare.
(ICITABIRIZO)
Yehova we Mana ni we
Munezero wacu, mbere
Yuzuy’ineza, kand’ivy’akora
N’ibihambaye ntangere!
(Raba kandi Gus. 16:15; Yes. 12:6; Yoh. 15:11.)