Ururirimbo 86
Abagore b’abizigirwa, bashiki bacu bakirisu
1. Rusi na Sara, Mariya n’abandi
Bari abagore b’intahemuka,
Bihebey’Imana, bagamburuka.
Bar’abakenyezi b’abizigirwa.
Har’abandi bashimwe n’Imana.
Naho batavugwa, ntibazibagirwa.
2. Kudahemuka no kumera neza,
Kurinda be n’ubuntu, ni ntangere.
Nya bagore bari n’izo kamere.
Ni uburorero bwiza twigana.
Mwe bashiki bacu mubisunga,
Muri n’agaciro imbere y’Imana.
3. Mwese bashiki bacu na ba mama,
Murangura vyinshi munezerewe.
Ko mwifata ruto muraberewe.
Yehov’arabashima, ntimutinye.
Nabarinde ntimucik’intege.
Azobah’impembo kuko yabashimye.
(Raba kandi Flp. 4:3; 1 Tim. 2:9, 10; 1 Pet. 3:4, 5.)