Ururirimbo 54
Dutegerezwa kugira ukwizera
1. Kensh’Imana yavuze biciye
Ku bahanuzi ba kera.
Yatumye Yezu ngo: ‘Nimwigaye’
Mugire ukwizera.
(ICITABIRIZO)
None turi n’ukwizera?
Kuzotuma turokoka.
Mbe kujana n’ibikorwa?
Kurokoka ni ho vyoshoboka.
2. Kristu turamugamburukira
Tuvuga kwa kuri hose.
Turirinda kugir’umugayo,
Tukakwigisha rwose.
(ICITABIRIZO)
None turi n’ukwizera?
Kuzotuma turokoka.
Mbe kujana n’ibikorwa?
Kurokoka ni ho vyoshoboka.
3. Ukwizera kwacu ni yo nanga;
Nah’abansi boturwanya,
Ntituzotinya, kuko gukira
Kurashitse mu mwanya.
(ICITABIRIZO)
None turi n’ukwizera?
Kuzotuma turokoka.
Mbe kujana n’ibikorwa?
Kurokoka ni ho vyoshoboka.
(Raba kandi Rom. 10:10; Ef. 3:12; Heb. 11:6; 1 Yoh. 5:4.)