Ururirimbo 40
Guma ubanza kurondera Ubwami
1. Har’ikintu gihimbara
Yehova cane rwose,
Na co ni bwa Bwami bwiwe
Buzotunganya vyose.
(ICITABIRIZO)
Nubanz’uronder’Ubwami
Be n’ukugororoka.
Shemeza Yehova hose,
Ukor’udahemuka.
2. Ntuganye ngw’ejo nzory’iki?
Yehov’azodutunga.
Nimba tubanz’ivy’Ubwami
Azotubungabunga.
(ICITABIRIZO)
Nubanz’uronder’Ubwami
Be n’ukugororoka.
Shemeza Yehova hose,
Ukor’udahemuka.
3. Dutangaze rer’Ubwami,
Dufash’abakwiriye
Ngo bizigire Yehova
N’intwaro yishingiye.
(ICITABIRIZO)
Nubanz’uronder’Ubwami
Be n’ukugororoka.
Shemeza Yehova hose,
Ukor’udahemuka.
(Raba kandi Zab. 27:14; Mat. 6:34; 10:11, 13; 1 Pet. 1:21.)