Ururirimbo 85
Yehova aguhe impembo ikwiye
1. Yehova wa mwizigirwa arazi
Abantu bamukorera.
Arazi yuko har’ivyo baheba
Kubera bamwihebera.
Nimba warasiz’inzu n’umuryango,
Yehova ntavyibagira.
Aragushumbusha abavukanyi
N’ubuzima budashira.
(ICITABIRIZO)
Yehova we Mana nabibone;
Naguhe impembo yaw’ikwiye.
Hungira mu mababa yiwe,
We Mana y’ukuri, we twizigiye.
2. Bamwe barahitamwo kutubaka
Kubera bavyigombeye.
Bitah’Ubwami ata kwiziganya
Kukw’ari co bihebeye.
Rimwe na rimwe kuba batubatse
Bituma bagir’irungu.
Tubashigikire ko tuvukana,
Bizobazanir’inyungu.
(ICITABIRIZO)
Yehova we Mana nabibone;
Naguhe impembo yaw’ikwiye.
Hungira mu mababa yiwe,
We Mana y’ukuri, we twizigiye.
(Raba kandi Abac. 11:38-40; Rusi 2:12; Mat. 19:12.)