Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 85

Yehova aguhe impembo ikwiye

Yehova aguhe impembo ikwiye

(Matayo 19:29)

1. Yehova wa mwizigirwa arazi

Abantu bamukorera.

Arazi yuko har’ivyo baheba

Kubera bamwihebera.

Nimba warasiz’inzu n’umuryango,

Yehova ntavyibagira.

Aragushumbusha abavukanyi

N’ubuzima budashira.

(ICITABIRIZO)

Yehova we Mana nabibone;

Naguhe impembo yaw’ikwiye.

Hungira mu mababa yiwe,

We Mana y’ukuri, we twizigiye.

2. Bamwe barahitamwo kutubaka

Kubera bavyigombeye.

Bitah’Ubwami ata kwiziganya

Kukw’ari co bihebeye.

Rimwe na rimwe kuba batubatse

Bituma bagir’irungu.

Tubashigikire ko tuvukana,

Bizobazanir’inyungu.

(ICITABIRIZO)

Yehova we Mana nabibone;

Naguhe impembo yaw’ikwiye.

Hungira mu mababa yiwe,

We Mana y’ukuri, we twizigiye.