Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 108

Shemeza Yehova kubera Ubwami bwiwe

Shemeza Yehova kubera Ubwami bwiwe

(Ivyahishuwe 21:2)

1. Imana yatoye Yezu

Ngw’aganz’abantu bose.

Avyagiye ku butungane

Ngw’isi imwumvire yose.

(ICITABIRIZO)

Shemeza Ya ko yamutoye.

H’impundu Yezu mwa ntama,

Mwe mumukurikira nantaryo

Nk’ukw’abagir’inama.

Shemeza Ya kuko yatoye

Umutwar’ava mw’ijuru,

Ngw’ahesh’iteka rya zina ryiwe,

Kukw’ari ryo rikuru.

2. Abavukanyi ba Kristu

Bazofasha kuganza

Bazan’Iparadizo kw’isi,

Haveho ibibabaza.

(ICITABIRIZO)

Shemeza Ya ko yamutoye.

H’impundu Yezu mwa ntama,

Mwe mumukurikira nantaryo

Nk’ukw’abagir’inama.

Shemeza Ya kuko yatoye

Umutwar’ava mw’ijuru,

Ngw’ahesh’iteka rya zina ryiwe,

Kukw’ari ryo rikuru.