Ururirimbo 108
Shemeza Yehova kubera Ubwami bwiwe
1. Imana yatoye Yezu
Ngw’aganz’abantu bose.
Avyagiye ku butungane
Ngw’isi imwumvire yose.
(ICITABIRIZO)
Shemeza Ya ko yamutoye.
H’impundu Yezu mwa ntama,
Mwe mumukurikira nantaryo
Nk’ukw’abagir’inama.
Shemeza Ya kuko yatoye
Umutwar’ava mw’ijuru,
Ngw’ahesh’iteka rya zina ryiwe,
Kukw’ari ryo rikuru.
2. Abavukanyi ba Kristu
Bazofasha kuganza
Bazan’Iparadizo kw’isi,
Haveho ibibabaza.
(ICITABIRIZO)
Shemeza Ya ko yamutoye.
H’impundu Yezu mwa ntama,
Mwe mumukurikira nantaryo
Nk’ukw’abagir’inama.
Shemeza Ya kuko yatoye
Umutwar’ava mw’ijuru,
Ngw’ahesh’iteka rya zina ryiwe,
Kukw’ari ryo rikuru.
(Raba kandi Imig. 29:4; Yes. 66:7, 8; Yoh. 10:4; Ivyah. 5:9, 10.)