Ururirimbo 127
Ahantu hitirirwa izina ryawe
1. N’iteka ntangere Yehova,
Kwubak’aho witirirwa.
Ni wewe tuhashikirije
Bitume uninahazwa.
Naho twoguh’ibingan’iki,
Tuguha ku vyari rwawe.
Ico kintu cose dutunze
Tugitanga tubikunze.
(ICITABIRIZO)
Tuguhaye aha hantu,
Uhamenyekanire.
Ni wewe tuheguriye;
Dukundir’uhakire.
2. Ese twoguter’iryo teka,
Mu kuhagushemereza.
Ese abig’inzira zawe
Boguma bibonekeza.
N’aho kugusengera gusa,
Ni vyo tuzitwararika.
Haze hagushingir’intahe,
Nk’uk’umuco umurika.
(ICITABIRIZO)
Tuguhaye aha hantu,
Uhamenyekanire.
Ni wewe tuheguriye;
Dukundir’uhakire.
(Raba kandi 1 Bm. 8:18, 27; 1 Ngo. 29:11-14; Ivyak. 20:24.)