Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 74

Akanyamuneza ka Yehova

Akanyamuneza ka Yehova

(Nehemiya 8:10)

1. Ibimenyetso vy’ibihe biranga

Yuko bwa Bwami buganza.

Rangamize murab’ubukiriro,

Ehe buriko buraza!

(ICITABIRIZO)

Akanyamuneza ka Yehova

Ni ko gihome twigina.

Nimuhimbarwe na ca cizigiro

Mumuhaye biger’ibwina.

Akanyamuneza ka Yehova

Ni ko gihome twigina.

Tumwihe turyohewe, twamamaze.

Ngo bose bamumeny’izina.

2. Yemwe mwese abakunda Yehova

Ntimutinye! Mwizigire!

Hagarare musemerere rwose;

Maze mumuririmbire.

(ICITABIRIZO)

Akanyamuneza ka Yehova

Ni ko gihome twigina.

Nimuhimbarwe na ca cizigiro

Mumuhaye biger’ibwina.

Akanyamuneza ka Yehova

Ni ko gihome twigina.

Tumwihe turyohewe, twamamaze.

Ngo bose bamumeny’izina.