Ururirimbo 79
Ububasha ubuntu bufise
1. Turashima ko tuzi Yehova.
Ni we nyen’inguvu.
Ni Ruheta mu bukerebutsi,
Ariko yaman’ubuntu.
2. Yezu abwira barya barushe
Boye kwiganyira.
Ingogo yiwe yo ntibabaza,
Baje yobaruhurira.
3. Tube nka Yezu be na Yehova
Umwe nyen’ingabo.
Mu vyo dukora vyose tugire
Ubuntu n’impuhwe vyabo.
(Raba kandi Mika 6:8; Mat. 11:28-30; Kol. 3:12; 1 Pet. 2:3.)