Ururirimbo 80
Twigane ukumera neza kw’Imana
1. Yehova ameze neza,
Biratunezereza.
No mu nzira ziwe zose,
Yama ameze neza.
Ubuntu be n’imbabazi
Arabitugirira.
Turakwiye kumusenga
No kumusukurira.
2. Twaremwe mw’ishusho yiwe
Kugira ngo twigane
Za kamere ziwe zose,
N’ineza tuyamane.
Twihate tumere neza
Ata vyo kwikurayo.
Tumusab’impwemu yiwe
Ngo twam’icamwa cayo.
3. Bene wacu mu kwizera
Ni bo dushir’imbere,
Gukorer’ineza bose
Na vyo tuvyigorere.
Tuvuge ya nkuru nziza
Ata we turengana.
Ukumera neza kwacu
Twame tukwerekana.
(Raba kandi Zab. 103:10; Mrk. 10:18; Gal. 5:22; Ef. 5:9.)