Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 80

Twigane ukumera neza kw’Imana

Twigane ukumera neza kw’Imana

(Zaburi 119:66)

1. Yehova ameze neza,

Biratunezereza.

No mu nzira ziwe zose,

Yama ameze neza.

Ubuntu be n’imbabazi

Arabitugirira.

Turakwiye kumusenga

No kumusukurira.

2. Twaremwe mw’ishusho yiwe

Kugira ngo twigane

Za kamere ziwe zose,

N’ineza tuyamane.

Twihate tumere neza

Ata vyo kwikurayo.

Tumusab’impwemu yiwe

Ngo twam’icamwa cayo.

3. Bene wacu mu kwizera

Ni bo dushir’imbere,

Gukorer’ineza bose

Na vyo tuvyigorere.

Tuvuge ya nkuru nziza

Ata we turengana.

Ukumera neza kwacu

Twame tukwerekana.