Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 94

Tubumbwe n’ingabirano nziza Imana itanga

Tubumbwe n’ingabirano nziza Imana itanga

(Yakobo 1:17)

1. Ingabire nziza zose,

Zirya zihimbaye,

Ziva ku Mana mw’ijuru,

Kukw’itubabaye.

Yehova we ntahinduka,

Nta kintu atwima.

Ni we Mutanzi kandi ni we

Sôko ry’ubuzima.

2. Mu vyo twama dukenera,

Twoye kwiganyira,

Ko n’inyoni zo hejuru

Azigaburira.

Twoye gut’umwanya wacu

Mu bintu vy’ubusa.

Mu buzima bwacu tubumbwe

N’ivyo aturonsa.

3. Ibihanitse ku bantu

Ku Mana n’ubusa.

Dukoresh’imisi yacu

Ku vyamaho gusa.

Twirundaniriz’itunga

Ku Mana mw’ijuru,

Tubumbwe n’ibintu dufise

Birya nyamukuru.