Ururirimbo 124
Tubakire neza
1. Yehova ni mwiza, arakirana.
Aritaho bose adatoranya.
Izuba n’imvura
Nta n’umw’abibura;
Araduhaza tugashima.
Twitayeho barya baburaniwe,
Tuba tumwiganye nk’abana biwe.
Azodushimira ku buntu tugira
Buvuye koko ku mutima.
2. Mu gihe twofasha ntahonikora,
Hazovamw’iciza nitwabikora.
Naho boba barya
Tutaz’iyo bava,
Ntitubura kubatabara.
Kumwe kwa Lidiya, tubah’ikaze.
Baj’iwacu rero bumve bisanze.
Kandi Dat’arazi abanyembabazi
Bamwigana bigaragara.
(Raba kandi Ivyak. 16:14, 15; Rom. 12:13; 1 Tim. 3:2; Heb. 13:2; 1 Pet. 4:9.)