Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 133

Rondera Imana urokorwe

Rondera Imana urokorwe

(Zefaniya 2:3)

1. Ubu amahanga

Yezu Krist’aramwanka.

Igihe c’intwaro zabo

Iman’iti: “Caheze.”

Bari baryimaze,

Non’ub’Ubwami bwaje.

Yez’agiye guhash’abansi.

Nta gihe basigaje.

(ICITABIRIZO)

Ronder’Iman’urokorwe,

Yironder’uyizigiye.

B’umwizigirwa,

Ushigikire

Inganji yay’utomora.

Maze wiboner’ingene

Ikurokora.

2. Iki gih’abantu

Barabwirwa ya nkuru,

Bose bagahabw’akaryo,

Bakihitiramw’ubu.

Turageragezwa,

Ntibiduter’ubwoba.

Yehov’ararind’abizerwa;

Dutabaj’azotwumva.

(ICITABIRIZO)

Ronder’Iman’urokorwe,

Yironder’uyizigiye.

B’umwizigirwa,

Ushigikire

Inganji yay’utomora.

Maze wiboner’ingene

Ikurokora.