Ururirimbo 57
Ivyo umutima wanje uzirikana
1. Ibint’umutima wanje
Uzirikana bukira
Bibe ibiguhimbara,
Wewe Mana nsukurira.
Amagany’ambanye menshi
Maze nkarara nkanuye.
Ni wewe nzozirikana,
Be n’ibintu bitanduye.
2. Ibitanduye, vy’ukuri,
Nimba har’ingeso nziza,
Ibivugwa neza vyose,
Es’ivyo vyompumuriza.
Ni vyo nzirikana, Mana!
Biri n’agaciro nyako!
Amajambo yawe ni yo
Jewe nzoteramirako.
(Raba kandi Zab. 49:3; 63:6; 139:17, 23; Flp. 4:7, 8; 1 Tim. 4:15.)