Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki wosuzuma Bibiliya?

Ni kubera iki wosuzuma Bibiliya?

Woba umenyereye gusoma Bibiliya? Nta kindi gitabu na kimwe kirigera gikwiragizwa nka Bibiliya. Abantu bo mu mico kama nka yose basanze ubutumwa buri muri yo ari isôko ry’uruhoza n’icizigiro be n’uko ari ngirakamaro mu buzima bwa misi yose. Yamara rero, abenshi muri iki gihe usanga bazi bike ku vyerekeye Bibiliya. Waba uri mw’idini canke ata ryo urimwo, hari aho woba ushashaye kumenya ibiri muri yo. Aka gatabu kagenewe kukumenyesha amakuru y’ishimikiro y’ibiri muri Bibiliya.

IMBERE y’uko ufata Bibiliya maze ugatangura kuyisoma, vyoba ngirakamaro cane ubanje kumenya ibintu bikeyi bijanye n’ukuntu ico gitabu gitunganijwe. Bibiliya, iyizwi kandi ko ari Ivyanditswe vyeranda, igizwe n’ibitabu 66, ikaba itangurira ku gitabu c’Itanguriro igahereza ku gitabu c’Ivyahishuwe.

None Bibiliya ikomoka kuri nde? Ico ni ikibazo gishimishije cane. Ico womenya coco ni uko Bibiliya yanditswe n’abagabo nka 40 mu kiringo c’imyaka irenga 1.600. Icibonekeza ni uko abo bagabo batigeze bavuga ko ari bo Bibiliya ikomokako. Umwe muri abo bagabo, yanditse ati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Uwundi muri abo banditsi, yavuze ati: “[Impwemu ya Yehova ni yo yavuze biciye kuri jewe, NW], ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.” (2 Samweli 23:2) Gutyo, abanditsi ba Bibiliya bariko bavuga yuko Yehova Imana, Umutegetsi Ruheta w’ibiriho vyose, ari we Bibiliya ikomokako. Abo banditsi barahishura ko Imana ishaka yuko abantu bayiyegereza.

Hariho ikindi kintu gihambaye cogufasha gutahura Bibiliya. Bibiliya irafise ikintu nyamukuru ivuga, na co akaba ari iyemezwa ry’uburenganzira Imana ifise bwo gutegeka abantu biciye ku Bwami bwayo bwo mw’ijuru. Ku mpapuro zikurikira, uraza kubona ukuntu ico kintu nyamukuru ari co ciyumviro gihambaye kivugwa guhera kw’Itanguriro gushika mu Vyahishuwe.

Dufise ivyo mu muzirikanyi, nimuze ubu na ho turimbure ubutumwa dusanga muri ico gitabu kizwi cane kw’isi, ari co Bibiliya.

^ ing. 9 Hariho uburyo bwinshi bwo kuvuga amagenekerezo. Muri aka gatabu, G.C. bisigura “Mu gihe cacu,” B.G.C. na vyo bisigura “Imbere y’igihe cacu.” Uraza kubona ivyo duhejeje kuvuga mu murongo werekana amagenekerezo uri amaja epfo ku mpapuro zo muri aka gatabu.