Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 18

Yezu akora ibitangaro

Yezu akora ibitangaro

Biciye ku bitangaro Yezu akora, arerekana ukuntu azokoresha ububasha bwiwe ari Umwami

IMANA yarahaye Yezu ububasha bwo gukora ibintu abandi bantu batashoboye gukora. Yezu yarakoze ibitangaro vyinshi bikomeye, akenshi akaba yabikora abantu amasinzi bavyibonera. Ivyo bitangaro vyaragaragaje yuko Yezu afise ububasha ku bansi no ku ntambamyi abantu b’abanyagasembwa batigeze bashobora gukuraho buhere. Rimbura uburorero bumwebumwe.

Inzara n’inyota. Igitangaro ca mbere Yezu yakoze cari kijanye no guhindura amazi akaba umuvinyu uryoshe. Mu bindi biringo bibiri, yaragaburiye abantu ibihumbi bari bashonje akoresheje imikate mikeyi be n’ifi nkeyi gusa. Muri ivyo biringo vyompi, umwe wese yararonse ivyokurya bihagije n’ugusigara birasigara.

Indwara. Yezu yarakijije abantu bafise “indwara z’ubwoko bwose be n’ubumuga bw’ubwoko bwose.” (Matayo 4:23) Yarakijije impumyi, ibipfamatwi, abanyamibembe n’abarwaye intandara. Yarakijije kandi abacumbagira, abamugaye be n’abari baracitse bimwe mu bihimba vy’umubiri. Nta bwoko na bumwe bw’indwara atashoboye gukiza.

Ibintu biteye akaga vyo mu bidukikije. Igihe Yezu be n’abigishwa biwe bariko bagira urugendo mu bwato mu Kiyaga c’i Galilaya, haradutse igihuhusi gikaze. Abo bigishwa baratekewe n’ubwoba. Yezu yararavye gusa ico gihuhusi maze avuga ati: “Hora! Tekereza!” Ubwo nyene haciye haba agacerere kanini. (Mariko 4:37-39) Ikindi gihe naho, yaragendagendeye ku mazi hari igihuhusi giteye ubwoba.—Matayo 14:24-33.

Ibiremwa vy’impwemu bibi. Ibiremwa vy’impwemu bibi bifise inkomezi ziruta kure n’iyo izo abantu bafise. Vyaragaragaye ko abantu benshi ata bubasha bafise bwo kwikura mu vyara vy’abo bansi b’inkazi b’Imana. Ariko rero, akatari gake Yezu yarakuye mu vyara vy’ivyo biremwa abo vyari vyariziziye igihe yabitegeka ngo bibavemwo. Yezu ntiyatinya ivyo biremwa vy’impwemu. Ahubwo riho, ivyo biremwa vyari bizi ubukuru afise kandi vyaramutinya.

Urupfu. Birabereye kubona urupfu rwitwa “umwansi wa nyuma,” kuko ari umwansi ata muntu n’umwe ashobora kumunesha. (1 Abakorinto 15:26) Yamara rero, Yezu yarazuye abapfuye, muri abo hakaba harimwo umuhungu akiri muto w’umupfakazi umwe be n’akigeme abavyeyi bako bari bishwe n’intuntu. Akarorero kamwe kibonekeje cane ni akajanye n’igihe Yezu yazura umukunzi wiwe Lazaro abantu amasinzi bari bagandaye barorera, naho uwo mugabo yari amaze hafi imisi ine apfuye! Mbere n’abansi katwa ba Yezu baremeye icese ko yakoze ico gitangaro.—Yohani 11:38-48; 12:9-11.

Ni kubera iki Yezu yakoze ivyo bitangaro vyose? Mbega hoho, abo yakoreye ivyo bitangaro vyose, amaherezo ntibapfuye? Barapfuye, ariko ibitangaro Yezu yakoze vyarashitse ku vyiza biramba. Vyaragaragaje yuko ubuhanuzi bwose buteye akamwemwe bwerekeye ubutegetsi bw’Umwami Mesiya bwari bushingiye ku bintu biboneka. Ntawokekeranya yuko Umwami yagenywe n’Imana ashobora gukuraho inzara n’inyota, indwara, ibintu biteye akaga vyo mu bidukikije, ibiremwa vy’impwemu bibi canke urupfu ubwarwo. Yaramaze kugaragaza ko Imana yamuhaye ubwo bubasha bwose.

—Bivugwa mu gitabu ca Matayo, ca Mariko, ca Luka, n’ica Yohani.