Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 6

Ni igiki twigira kuri rya Segenya rikomeye?

Ni igiki twigira kuri rya Segenya rikomeye?

Imana yaratikije ababisha mugabo irokora Nowa n’umuryango wiwe. Itanguriro 7:11, 12, 23

Haraguye imvura, imara imisi 40 n’amajoro 40 maze amazi yuzura kw’isi hose. Abantu b’ababisha bose barapfuye.

Ba bamarayika b’abagarariji bariyambuye ya mibiri y’abantu bari biyambitse maze bacika amadayimoni.

Abari mu bwato bararokotse. Naho Nowa be n’umuryango wiwe mu nyuma bapfuye, Imana izobazura bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.

Imana izosubira gutikiza ababisha maze irokore abantu beza. Matayo 24:37-39

Shetani be n’amadayimoni barabandanya kuzimiza abantu.

Nk’uko vyari mu gihe ca Nowa, muri iki gihe abantu benshi baranka ubuyobozi buranga urukundo Yehova atanga. Yehova agiye gukuraho abantu bose b’ababisha.—2 Petero 2:5, 6.

Hariho abantu bameze nka Nowa. Barumviriza Imana kandi bagakora ivyo ivuga. Abo bantu ni Ivyabona vya Yehova.