Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA 8

Urupfu rwa Yezu ruvuze iki kuri wewe?

Urupfu rwa Yezu ruvuze iki kuri wewe?

Yezu yarapfuye kugira ngo dushobore kubaho. Yohani 3:16

Haciye imisi itatu Yezu apfuye, abagore bamwe baragiye ku mva yiwe basanga iragaragara. Yehova yari yazuye Yezu mu bapfuye.

Mu nyuma, Yezu yarabonekeye intumwa ziwe.

Egome, Yehova yari yazuye Yezu kugira ngo abeho ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha kidapfa. Abigishwa ba Yezu baramubonye aduga mw’ijuru.

Imana yarazuye Yezu maze imugira Umwami w’Ubwami bwayo. Daniyeli 7:13, 14

Yezu yarahevye ubuzima bwiwe kugira ngo acungure abantu. (Matayo 20:28) Biciye kuri iyo ncungu Imana iratuma bishoboka ko tubaho ibihe bidahera.

Yehova yaragenye Yezu kugira ngo abe Umwami wo kuganza isi. Azoba ari kumwe n’abantu b’abizigirwa 144.000 bazuka bakaja kuba mw’ijuru bavuye mw’isi. Yezu hamwe n’abo bantu 144.000 bagize intwaro yo mw’ijuru igororotse yitwa Ubwami bw’Imana.—Ivyahishuwe 14:1-3.

Ubwami bw’Imana buzohindura isi Iparadizo. Intambara, ubwicanyi, ubukene be n’inzara ntibizoba bikiriho. Abantu bazonezerwa vy’ukuri.—Zaburi 145:16.