Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noronka gute umwidegemvyo wiyongereye?

Noronka gute umwidegemvyo wiyongereye?

IKIGABANE CA 3

Noronka gute umwidegemvyo wiyongereye?

“Nipfuza ko rimwe na rimwe abavyeyi banje bondeka nkaja gutembera jenyene.”—Sara, imyaka 18.

“Nama mbaza abavyeyi banje igituma batanyizigira iyo nshaka gusohokana n’abagenzi. Bakunda kumbwira ngo: ‘Wewe turakwizigiye. Abagenzi bawe ni bo tutizigiye.’”​—Christine, imyaka 18.

NK’UKWO kwa Sara na Christine, woba wipfuza umwidegemvyo wiyongereye? Kugira uwuronke, urakeneye ko abavyeyi bawe bakwizigira. Ariko rero, ubwizigirwa ni nk’amahera. Kuyaronka biragoye, mugabo kuyatakaza biroroshe; kandi naho woronka ayangana iki, ntiwigera wumva ko ahagije. Umwigeme umwe yitwa Liliyana w’imyaka 16 avuga ati: “Igihe cose nshaka kuja gutembera, abavyeyi banje barancucagira ibibazo bambaza iyo ngiye, abo tujana, ico ngiye gukora, n’igihe ngarukira. Ndazi ko ari abavyeyi banje, yamara iyo bandedaguje gutyo birandya mu nda!”

Wokora iki ngo utume abavyeyi bawe barushiriza kukwizigira bakaguha n’umwidegemvyo wiyongereye? Imbere yo kwishura ico kibazo, reka tubanze turabe igituma ubwizigirwa ari ikibazo c’inkoramutima hagati y’abavyeyi benshi n’urwaruka.

Ingorane zijanye n’ugukura

Bibiliya ivuga ko “umugabo azosiga se na nyina.” (Itanguriro 2:24) Ariko ntiwumve, ivyo birashobora kuvugwa no ku mugore. Waba uri umuhungu canke umukobwa, intumbero nyamukuru y’ubuyabaga ni iyo kugutegura kugira ushike mu bigero, aho uzoba ugeze kuva muhira maze kumbure ugashinga urwawe. *

Ariko rero, kurengana ubuyabaga ukinjira mu bigero si nk’umuryango urengana gusa igihe ushikanye imyaka yinaka. Ahubwo nyabuna ni nk’ingazi uduga intambwe ku yindi uca mu buyabaga. Ku bw’ivyo, mwe n’abavyeyi bawe mwoshobora kuba mutabona kumwe aho ugeze mu kuduga iyo ngazi. Uwitwa Mariya abona ko abavyeyi biwe batamwizigira ku bijanye n’abagenzi ahitamwo. Avuga ati: “Mfise imyaka 20, ariko n’ubu kiracari ikibazo! Abavyeyi banje biyumvira yuko ntoshobora kuzibukira ibintu biteye akaga. Naragerageje kubabwira ko maze kubizibukira, ariko ntibashirwa!”

Nk’uko ivyo Mariya avuga bivyerekana, ikibazo c’ubwizigirwa kirashobora gutuma imitsi iranda cane hagati y’urwaruka n’abavyeyi. Vyoba ari ukwo vyifashe mu muryango iwanyu? Nimba ari ukwo, wokora iki kugira ngo abavyeyi bawe barushirize kukwizigira? Vyongeye, nimba batakikwizigiye kubera ibintu bitabereye wakoze, wokora iki kugira basubire kukwizigira?

Niwerekane ko uri umwizigirwa

Intumwa Paulo yandikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere ati: “Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.” (2 Abakorinto 13:5) Ego ni ko, ahanini ntiyariko abwira imiyabaga. Yamara iyo ngingo ngenderwako iraraba n’imiyabaga. Urugero rw’umwidegemvyo abavyeyi baguha akenshi ruba rungana n’urugero ugezako mu kwerekana ko uri umwizigirwa. Ivyo ntibisobanura ko utegerezwa kuba umweranda. Nakare, nta n’umwe adakora amakosa. (Umusiguzi 7:20) Ariko none, ukuntu wigenza muri rusangi kwoba gutuma abavyeyi bawe batakwizigira?

Nk’akarorero, Paulo yanditse ati: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Niwibaze uti: ‘Noba mpora mbwiza ukuri abavyeyi banje iyo bambajije iyo ntemberera be n’ivyo nkora?’ Raba ivyo bamwebamwe mu rwaruka bavuze, bano bikaba vyabaye ngombwa ko bisuzuma batibesha muri uwo muce. Uhejeje kubisoma, nuce wishura ibibazo bica bikurikira.

Lori: “Narandikiranira kuri Internet mu mpisho n’umuhungu nakunda cane. Abavyeyi barabimenye maze bansaba kubihagarika. Narabibemereye, ariko sinabigira. Vyamaze umwaka. Narandikira uwo muhungu, abavyeyi bakabimenya, ngaca ndabasaba ikigongwe nkababwira ko ntazosubira, mugabo ngaca nsubira. Harashitse aho abavyeyi banje bataba bakinyizigira mu kintu na kimwe!”

Wibaza ko ari kubera iki abavyeyi ba Lori batabaye bakimwizigira? ․․․․․

Iyo uza kuba uri umuvyeyi wa Lori, wari gukora iki? Kubera iki? ․․․․․

Lori yari kwigenza gute nk’umuntu akuze, abavyeyi biwe bakimubwira iyo ngorane? ․․․․․

Beverly: “Kera abavyeyi banje ntibanyizigira ku bijanye n’abahungu, ariko ubu ndatahura igituma. Narakundana n’abahungu babiri bandusha imyaka ibiri. Vyongeye, twaramara amasaha tuyaga kuri telefone, kandi iyo dukoraniye hamwe n’abandi, ni nk’aho ata bandi twayaga atari bo gusa. Haraciye ukwezi kwose abavyeyi banje barantwaye telefone, kandi ntibankundira kuja aho abo bahungu bari.”

Iyo uza kuba uri umuvyeyi wa Beverly, wari gukora iki? Kubera iki? ․․․․․

Wibaza ko ingingo bamufatiye zari zumvikana? Nimba zari zumvikana, kubera iki? ․․․․․

Beverly yari gukora iki ngo atume abavyeyi biwe basubira kumwizigira? ․․․․․

Ingene wotuma basubira kukwizigira

Nimba vyarakugendeye nk’abo bakiri bato duhejeje kuvuga ukaba warakoze ibintu bituma abavyeyi bawe batakwizigira, wokora iki? Naho vyoba vyifashe gutyo, numenye neza ko ushobora gutuma basubira kukwizigira. Uti gute?

Birashoboka rwose ko abavyeyi bawe bazorushiriza kukwizigira bakaguha n’umwidegemvyo wiyongereye niwerekana ko uri umwizigirwa. Uwitwa Annette ivyo yahavuye abitahura. Avuga ati: “Ukiri muto, ntutahura neza agaciro ko kuba umwizigirwa. Ubu nsigaye niyumvira nk’umuntu akuze, kandi ndumva yuko mbwirizwa gukora ibintu mu buryo butuma abavyeyi banje baguma banyizigiye.” Icigwa? Aho kwidoga ngo abavyeyi bawe ntibakwizigira, niwihatire kuba umuntu azwi ko ari umwizigirwa. Hari aho woronka umwidegemvyo wiyongereye.

Nk’akarorero, woba uri umwizigirwa muri ibi bikurikira? Shira aka kamenyetso ✔ mu kumba kari iruhande y’ico ukwiye kuryohora.

□ Kwubahiriza isaha yo gutaha

□ Gushitsa ivyo nsezerana

□ Kwubahiriza umwanya

□ Gukoresha neza amahera

□ Kurangiza udukorwa two muhira

□ Kuvyuka batiriwe barasemerera

□ Kwama nsukura icumba canje

□ Kuba imvugakuri

□ Gukoresha telefone canke orodinateri ntarenza urugero

□ Kwemera amakosa no gusaba imbabazi

□ Ikindi ․․․․․

Ubona gute wiyemeje kwerekana ko uri umwizigirwa mu vyo washizeko akamenyetso? Nukurikize izi mpanuro Bibiliya itanga: “[Mwambure] wa muntu wa kera ahura n’ingeso zanyu za kera.” (Abanyefeso 4:22) “Ego yanyu ibe Ego.” (Yakobo 5:12) “Umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe.” (Abanyefeso 4:25) “Mugamburukire abavyeyi banyu muri vyose.” (Abakolosayi 3:20) Uko haca igihe, iterambere ryawe rizokwibonekeza ku bandi, ushizemwo n’abavyeyi bawe.—1 Timoteyo 4:15.

Bite ho hamwe woba ubona yuko naho ugira uko ushoboye kwose, abavyeyi bawe bataguha umwidegemvyo ukwiye guhabwa? Ubona gute muyaze ico kibazo? Aho kwidoga ngo bakwiye kurushiriza kukwizigira, nubabaze mu rupfasoni ico biyumvira ko wokora kugira bakwizigire. Nubasigurire neza ico utegekanya gukora muri ivyo.

Ntiwitege ko ubwo nyene abavyeyi bawe baca bakwemerera ivyo usaba. Hari aho boshima kubanza kuraba yuko ushitsa ivyo usezeranye. Nuce uboneraho akaryo ko kwerekana ko uri umwizigirwa. Mu nyuma, hari aho borushiriza kukwizigira bakaguha n’umwidegemvyo wiyongereye. Ukwo ni ko vyagendeye Beverly, umwe twavuga. Agira ati: “Biragoye kuronka ubwizigirwa kuruta kubutakaza.” Yongerako ati: “Ubu ndiko ndasubira kwizigirwa, kandi birandyohera!”

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 22

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Abavyeyi bawe boba barahukanye? Ni igiki cogufasha kwigumya igihe wumva umengo isi yakuguyeko?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 8 Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 7 c’iki gitabu.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ntimukoreshe umwidegemvyo wanyu nk’icitwazo co gukora ikibi.”—1 Petero 2:16, Contemporary English Version.

IMPANURO

Aho kugereranya ingingo ufatirwa ubu n’umwidegemvyo mukuru wawe yoba afise, nugereranye ingingo wafatirwa kera ukiri mutoyi n’umwidegemvyo ufise ubu.

WARI UBIZI . . . ?

Umuvyeyi aha umwana umwidegemvyo utagira akarimbi ntaba amukunda, aba amurekerana.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nzorushiriza kuba umwizigirwa muri ibi: ․․․․․

Bishitse abavyeyi ntibabe bakinyizigira, nzoca ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki vyoshika abavyeyi bawe ntibaguhe umwidegemvyo wiyongereye n’igihe nyene woba wihata kugira werekane ko uri umwizigirwa?

● Ukuntu uyaga n’abavyeyi bawe bishobora gute gutuma baguha canke bataguha umwidegemvyo wiyongereye?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 24]

Iyo ndiko ndaganira n’abavyeyi banje, ndababwira ingorane mfise be n’ibindaje ishinga ata co ndabahisha. Niyumvira ko ivyo bituma barushiriza kworoherwa no kunyizigira.’’—Dianna

[Igicapo/​Ifoto ku rup. 23]

Gukura ugashika mu bigero ukaba umuntu yizigirwa, ni nk’ukuduga ingazi. Utegerezwa kuduga intambwe ku yindi uca mu buyabaga

[Igicapo]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

MU BIGERO

MU BUYABAGA

MU BWANA