Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki nkwiye kwitwararika amagara yanje?

Kubera iki nkwiye kwitwararika amagara yanje?

IKIGABANE CA 10

Kubera iki nkwiye kwitwararika amagara yanje?

Shira aka kamenyetso ✔ iruhande y’ihangiro rimwerimwe ryose woshima gushikako.

□ Kugabanya imyitwarariko

□ Gucungera ishavu

□ Kurushiriza kwiyizigira

□ Kurushiriza kubanguka

□ Kwongereza ingoga

□ Kugira akabiri keza

□ Guta ibilo

HARIHO ibintu wewe uwukiri muto udashobora kwihitiramwo mu buzima. Aho twovuga nk’abavyeyi bawe, abo muvukana, be n’aho uba. Ariko ku bijanye n’amagara yawe hoho si ko bimeze. Naho amaraso y’abo ukomokako agira ico akoze ku kuntu umubiri wawe umera, akenshi ukuntu umera bivana n’ubuzima uhitamwo kugira. *

Hari aho wovuga uti: ‘Ndacari muto, sindagera kurazwa ishinga n’amagara yanje!’ Ubwo koko ni vyo? Raba arya mahangiro atondetse ku rupapuro rwa 71. Ni angahe washizeko akamenyetso? Uvyemere canke ureke, nta na rimwe muri yo ushobora gushikako udafise amagara meza.

Ushobora kuba uhuje iciyumviro n’uwitwa Amber w’imyaka 17, uno akaba avuga ati: “Nta kwamira ku vyo kurya bivugwa ngo ntibivyibusha!” Nimba ari ukwo ubona ibintu, ntuhagarike umutima. Si ngombwa ngo uhebe buhere ibintu bisosa wongere wiruke ibilometero n’ibindi ku ndwi ku ndwi. Mu vy’ukuri, hari aho vyogusaba gusa guhindura ibintu bikeyi bibayabaye kugira ngo utangure kugira akabiri keza, wumve umerewe neza, no kugira ngo ukore neza. Reka turabe ingene bamwebamwe mu runganwe rwawe babishitseko.

Fungura neza ugire akabiri keza!

Bibiliya itubwira ngo twigerere. Mu Migani 23:20 havuga hati: “Nturye . . . ivyo kurya vyinshi cane.” (Contemporary English Version) Iyo mpanuro ntiyama yoroshe gukurikiza.

“Cokimwe n’iyindi miyabaga myinshi, nama nshonje. Abavyeyi banje bavuga ko inda yanje ari imanga!”—André, imyaka 15.

“Kubera ko ntabona vy’ukuri ingene ibifungurwa bimwebimwe bingirira nabi ubu, mbona ko umengo si bibi cane.”—Danielle, imyaka 19.

Woba ukeneye kurushiriza kwigumya ku bijanye n’ivyo ufungura? Raba ivyo bamwebamwe mu runganwe rwawe bavuga ko bibafasha.

Umviriza ico inda yawe ikubwira. Umwigeme w’imyaka 19 yitwa Julia avuga ati: “Nahora nishingira ivyo ntegerezwa kumara, ariko ubu iyo numvise mpaze nca mpagarika.”

Ntupfe ivyo uriye. Uwitwa Peter w’imyaka 21 avuga ati: “Narahevye amafanta, maze mu kwezi kumwe gusa nca nta ibilo bitanu!”

Nuhebe utumenyero tubi mu vyo gufungura. Uwitwa Erin w’imyaka 19 avuga ati: “Ndagerageza kutiyongera.”

Kugira ubishikeko: Ntuze urasibiriza gufungura! Usibirije uzokwumva ushonje cane, bitume uhakwa kurya ibirenze.

Inonore imitsi maze wumve umerewe neza!

Bibiliya ivuga iti: “Kumenyereza umubiri bi[ra]gira akamaro.” (1 Timoteyo 4:8) Ariko rero, bisa n’uko abakiri bato benshi batiyumvamwo ivyo kwinonora imitsi.

“Igihe nari mu mashure yisumbuye, urazi ukuntu abana benshi bananirwa mu cigwa co kwinonora imitsi! Ni co cigwa cari coroshe kuruta ibindi, havuye ugufungura!”—Richard, imyaka 21.

“Hari abiyumvira bati: ‘Kubera iki wokwirirwa uriruka ku ruzuba n’icuya kikakurenga ndetse ukaruha kandi ushobora gukina agakino ko kuri videwo ukamera nk’aho uriko uragira iyo siporo nyene?’ ”—Rusi, imyaka 22.

Iciyumviro co kwinonora imitsi coba ubwaco kikurya mu mutwe? Nimba ari ukwo, raba ivyiza bitatu bihambaye biva ku kugira akamenyero ko kwinonora imitsi.

Iciza ca 1. Kwinonora imitsi birongereza abasoda bawe b’umubiri. Uwitwa Rasheli w’imyaka 19 avuga ati: “Dawe yarakunda kwivugira ati: ‘Utaronse umwanya wo kwinonora imitsi, uwo kurwara wowo uzowuronka!’ ”

Iciza ca 2. Kwinonora imitsi biratuma wumva uruhuriwe. Uwitwa Emily w’imyaka 16 avuga ati: “Kwiruka bituma numva nduhutse igihe mu bwenge bwanje hari ibintu vyinshi. Nca numva nduhutse cane ku mubiri no mu mutima.”

Iciza ca 3. Kwinonora imitsi biratuma urushiriza kuryoherwa. Uwitwa Rusi w’imyaka 22 avuga ati: “Ndakunda hanze, rero mu kwinonora imitsi ndatembera n’amaguru, nkoga, nkanyonga n’ikinga.”

Kugira ubishikeko: Numare n’imiburiburi iminuta 20 gatatu mu ndwi ukora igikorwa ukunda gisaba inguvu.

Sinzira neza maze ukore neza!

Bibiliya ivuga iti: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” (Umusiguzi 4:6) Nimba udasinzira neza, ntuzokora neza!

“Iyo ntasinziriye bihagije, numva ntamerewe neza. Birangora kwitunira ku kintu na kimwe!”—Rasheli, imyaka 19.

“Nk’isaha umunani z’umutaga, mba ndushe cane ku buryo nisinzirako hagati mu kiyago!”—Kristine, imyaka 19.

Woba ukeneye kuryama umwanya wiyongereye? Raba ivyo bamwebamwe mu runganwe rwawe bakoze.

Niwirinde kuryama utevye. Uwitwa Catherine w’imyaka 18 avuga ati: “Ndigora nkaja kuryama hakiri kare.”

Niwirinde kuyaga n’abagenzi ijoro ryitereye. Uwitwa Richard w’imyaka 21 avuga ati: “Vyarashika abagenzi bakanterefona canke bakanyandikira ubutumwa ijoro ryitereye, mugabo muri iyi misi narize guhagarika ikiyago nkaja kuryama.”

Ntuze urahindagura isaha uryamirako. Uwitwa Jennifer w’imyaka 20 avuga ati: “Muri iyi misi ndagerageza kudahindagura isaha ndyamirako n’iyo mvyukirako ku musi ku musi.”

Kugira ubishikeko: Niwihatire kuryama n’imiburiburi amasaha umunani buri joro.

Uzohungukira vyinshi uteye intambwe nkeya gusa zisanzwe kugira ubungabunge amagara yawe. Uribuka yuko kugira amagara meza bizogufasha kugira akabiri keza, kwumva umerewe neza no gukora neza. Naho hari ibintu bimwebimwe udashobora kugira ico ubihinduyeko mu buzima, amagara yawe yoyo urayafiseko ububasha ku rugero runaka. Uwitwa Erin w’imyaka 19 avuga ati: “Ubiravye, amagara yawe ahagaze ku muntu umwe rudende, na we akaba ari wewe.”

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Woba utumvikana n’abavyeyi bawe ku bijanye n’inyambaro? Raba ukuntu mushobora gushika ku mwumvikano!

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 11 Ariko ntiwumve, hariho abantu benshi bafise ingorane z’amagara canke ubumuga badashobora kugira ico babihinduyeko. Iki kigabane kirashobora gufasha mwene abo bantu kurushiriza kugira amagara meza ku rugero bashobora kugezako.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Kumenyereza umubiri bi[ra]gira akamaro.”—1 Timoteyo 4:8.

IMPANURO

Nurondere uwo mwinonorera imitsi hamwe. Ivyo bizotuma ugumana ishaka kuko utazokwipfuza guca intege uwo wundi muntu.

WARI UBIZI . . . ?

Kwinonora imitsi biratuma umubiri uhingura inkabuzo zo mu bwonko (izo bita endorphines) zigabanya ububabare zikanatuma urushiriza kwumva umerewe neza.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ihangiro ritarengeje urugero nokwishingira mu vyo mfungura ni ․․․․․

Ihangiro ritarengeje urugero nokwishingira ku bijanye no kwinonora imitsi ni ․․․․․

Mu kwezi kuza nzokwihatira kuza ndaryama amasaha mw’ijoro. ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kwitwararika amagara yawe bishobora gute kugufasha kwiyizigira?

● Ni igiki gihambaye cane kuruta kwitwararika amagara yawe?—1 Timoteyo 4:8.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 74]

Iyo ninonoye imitsi, numva merewe neza. Iyo na ho bitumye ntangura kugira akabiri keza, nca ndushiriza kwiyizigira!’’—Emily

[Uruzitiro ku rup. 73]

“Narahinduye ubuzima bwanje”

“Nari umwana w’umuyabaga avyibushe birenze, ico kikaba ari ikintu ntashaka. Sinahimbarwa n’ukuntu naboneka be n’ukuntu niyumva! Rimwe na rimwe naragerageza guta ibilo mu gufungura ibifungurwa bitavyibusha, ariko vyaca bisubira kwiyongera. Igihe rero nari mfise imyaka 15, naravuze nti: ‘Aho vyabereye ni kera.’ Nagomba guta ibilo mu buryo bwiza, uburyo noshoboye kwisunga mu buzima bwanje bwose. Naraguze igitabu cavuga ivy’ingaburo be n’ivyo kwinonora imitsi, maze ndashira mu ngiro ivyo nasomye. Nari niyemeje kudatana n’akabando naho vyoshitse bikangora gukurikiza canke nkarambirwa. Ndagupfinze ivyabaye. Erega vyarashobotse! Mu mwaka umwe nataye ibilo 27. Ubu maze imyaka ibiri mfise ibilo nipfuza. Emwe, sinari nzi ko vyoshobotse! Nibaza ko icamfashije atari uko nafunguye gusa ibifungurwa bitavyibusha, ahubwo ni ukuba narahinduye ubuzima bwanje.”—Catherine, imyaka 18.

[Ifoto ku rup. 74]

Amagara yawe ni nk’umuduga: utayabungabunze azokwononekara