Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokwambara gute?

Nokwambara gute?

IKIGABANE CA 11

Nokwambara gute?

Sandra agira asohoke. Abavyeyi biwe bamukubise ijisho, bagwa mu gahundwe.

Se yiha akamo ati: “Ukwo ni ko wambaye?”

Sandra yishura atangaye ati: “None hari ingorane? Nkubitiye gusa kw’isoko njanye n’abagenzi.”

Nyina na we ati: “Ntuva ng’aho wambaye gutyo!”

Sandra asubizayo yidoga ati: “Ariko ma, n’urundi rwaruka rwose ni ko rwambara. Kandi uretse n’ico, birerekana ico ndi!”

Se asubizayo ati: “Ico nyene vyerekana ni co tudashaka! Duga rero wihindure, atari aho na ho ntuva ng’aha!”

INTAMBARA zishingiye ku nyambaro si iz’ubu. Abavyeyi bawe bakingana nawe, bashobora kuba bararwanye intambara nk’izo n’abavyeyi babo. Kandi ico gihe bashobora kuba biyumva nk’uko nawe wiyumva ubu! Ariko ubu vyarahindutse basigaye ari abavyeyi, kandi ikibazo c’ukuntu wokwambara cama cavyuye intureka.

Uvuga uti: Ziranyorohereza.

Na bo bati: Zimeze uko zishakiye.

Uvuga uti: Ni nziza ntiworaba!

Na bo bati: Zirakabura inambu y’umubiri.

Uvuga uti: Zirazimbutse.

Na bo bati: Ntizobura kuzimbuka. . . . Nakare womengo nta co wambaye!

Vyoba bishoboka ko izo ntambara zihagarara? Cane nyene! Umwigeme w’imyaka 23 yitwa Megan yarize akabanga ko kubishikako. Avuga ati: “Si ngombwa ngo habe impari. Harashobora kuba umwumvikano.” Uti umwumvikano? Ivyo vyoba bisobanura ko ubwirizwa kwambara nk’umuntu w’imyaka 40? Eka data! Kwumvikana bisobanura gusa yuko wewe n’abavyeyi bawe muganira ivyo mudahurizako, mugahanahana ivyiyumviro ku bundi buryo bwo kwambara mwese mubona ko ari sawa. Ivyiza bizovamwo ni ibihe?

1. Uzokwambara uberwe, n’urunganwe rwawe rubibone.

2. Abavyeyi bawe ntibazonegura uko wambara.

3. Abavyeyi bawe bamaze kubona ko udafata ibintu minenegwe muri uwo muce, boshobora no kuguha umwidegemvyo wiyongereye.

Jako rero. Iyumvire impuzu wabonye kuri Internet canke mw’iduka ubona ko utegerezwa kuronka vyanka vyakunda. Ica mbere ukwiye gukora . . .

Rimbura ingingo ngenderwako za Bibiliya

Igitangaje, Bibiliya nta vyinshi ivuga ku bijanye n’inyambaro. Washaka, mu minuta nk’ingahe woba uhejeje gusoma impanuro zose zo muri Bibiliya zivuga mu buryo burashe ibijanye n’inyambaro! Ariko muri uwo mwanya, woronka ubuyobozi bwo kwizigirwa kandi bw’ingirakamaro. Nk’akarorero:

● Bibiliya ihanura abagore kwishariza “mu rupfasoni no mu kurorana kw’umuzirikanyi.” *1 Timoteyo 2:9, 10.

Iryo jambo “urupfasoni” hari aho ryoguhagarika umutima. Ushobora kwibaza uti: ‘None nambare ibihuzu bigwebera?’ Habe namba! Muri ico canditswe, urupfasoni rusobanura yuko impuzu wambara zerekana yuko wiyubashe be n’uko witaho kudatsitaza abandi. (2 Abakorinto 6:3) Hariho impuzu nyinshi cane zishitsa ivyo bintu. Umwigeme yitwa Danielle w’imyaka 23 avuga ati: “Vyoshobora kuba urugamba, mugabo urashobora kwambara izigezweho utarinze kwambara imideri irimwo ukurenza urugero.”

● Ku bijanye n’ukuntu witunganya, Bibiliya ivuga yuko ukwiye kwitwararika cane “umuntu yihishije wo mu mutima,” canke nk’uko iyindi Bibiliya ibivuga, “ico uri koko imbere muri wewe.”—1 Petero 3:4, Today’s English Version.

Impuzu itaranga urupfasoni yoshobora gukwega amaso y’abantu mu gihe gitoyi, ariko ubwiza bwawe bw’imbere ni bwo buzotuma abakuze n’abo mu runganwe rwawe bakwubaha igihe kirekire. Uti abo mu runganwe rwawe? Ego cane, erega wosanga na bo nyene babona ko kwambara imideri irimwo ukurenza urugero ari ubusazi. Uwitwa Brittany w’imyaka 16 avuga ati: “Ni akamaramaza kubona ingene abagore barondera gukwēgēra abagabo biciye ku kuntu bambara!” Uwitwa Kay na we nyene barasangiye iciyumviro. Ku bijanye n’uwahoze ari umugenzi wiwe, avuga ati: “Impuzu yose yambara ni nk’aho hose yaba yanditseko ngo ‘Hindukira undabe!’ Yashaka ko abahungu bamubona, kandi kugira abishikeko, yambara impuzu zikwegera amaso kurusha izindi.”

Baza abavyeyi ico bavyiyumvirako

Kunyegeza mw’isakoshi impuzu itaranga urupfasoni maze ukayambara ushitse kw’ishure, si vyiza. Abavyeyi bawe bazorushiriza kukwizigira niwabereka ko ata co ubahisha be n’uko utababesha, mbere no mu bintu wiyumvira ko batazogenda bamenye. Nkako, igihe uhitamwo impuzu vyoba vyiza urondeye kumenya ico biyumvira. (Imigani 15:22)—Koresha uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 82-83 ruvuga ngo “Ivyogufasha guhitamwo impuzu.”

Ariko none kubera iki wokwirirwa urababaza ico biyumvira? Hari aho wokwiyumvira yuko ata kindi abavyeyi bawe barondera atari ukukubuza kwambara impuzu zigezweho. Yamara rero si ukwo biri. Ego ni ko, papa wawe na mama wawe boshobora kuba batabona ibintu nk’uko ubibona, mugabo rimwe na rimwe ico nyene ni co uba ukeneye. Uwitwa Nataleine w’imyaka 17 avuga ati: “Ndashima impanuro abavyeyi bampa kuko ntashaka kwimaramaza canke kuba iciro ry’umugani kubera ukuntu nambara.”

Kandi ico womenya coco, igihe cose ukibana n’abavyeyi bawe, uguma uri munsi y’ubuyobozi bwabo. (Abakolosayi 3:20) Ariko rero, umaze gutahura ukuntu babona ibintu, na bo bagatahura uko ubibona, hari aho wotangazwa n’ukubona mwumvikana kenshi kuruta uko wabiziga. Ivyo vyoshobora gutuma intambara zishingiye ku nyambaro ziteba zikarangira!

Impanuro: Igihe wipima impuzu, ntugarukire gusa ku vyo ubona mu cirore. Impuzu isa n’iyiranga urupfasoni yoshobora kugutangaza igihe wicaye canke igihe wunamye gutora ikintu. Nimba bishoboka, nubaze umuvyeyi wawe canke umugenzi ahumuye uko ayibona.

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Umwansi wawe katwa yoba ari wewe nyene? Wokora iki nimba udashima uko umeze?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 23 Naho iyo mpanuro ya Bibiliya ihabwa abagore, ingingo ngenderwako ziri muri yo ziraraba n’abagabo.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Ugushaza kwanyu ntikube ukwo . . . kwambara impuzu zo hejuru, ahubwo kube wa muntu yihishije wo mu mutima.”—1 Petero 3:3, 4.

IMPANURO

Niwirinde impuzu zivyurira abandi inambu y’umubiri. Zerekana ko urondera hasi hejuru uwo mwokundana be n’uko wiyumvira ivyawe gusa.

WARI UBIZI . . . ?

Ikintu ca mbere abantu bakwiyumvirako akenshi kivana n’ukuntu wambaye.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Umuntu wo muryango canke umugenzi ahumuye nohanuza ku bijanye n’impuzu nshaka kugura ni ․․․․․

Ninasubira kugura impuzu, nzorimbura ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki abavyeyi n’imiyabaga badakunda guhuza ku bijanye n’inyambaro?

● Hamwe woyaga n’abavyeyi bawe ku vyo mudahurizako ku bijanye n’inyambaro, wohigira iki?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 81]

Iyo mbonye abakobwa bambaye impuzu zitaranga urupfasoni, icubahiro ndabafitiye kiragabanuka. Ariko iyo mbonye abantu bambaye impuzu z’urupfasoni kandi nziza, nca nibwira nti: ‘Ukwo ni ko nshaka ko abantu bambona.’’’—Nataleine

[Uruzitiro/​Amafoto ku rup. 82, 83]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Ivyogufasha guhitamwo impuzu

Ubuyobozi: Nugire ikopi y’izi mpapuro. Saba abavyeyi bawe buzuze uruhande rw’iburyo, nawe wuzuze urw’ibubamfu. Mu nyuma nimuguze izo mpapuro, hanyuma muganire ku nyishu mwatanze. Hari ibintu mubonye mutari mwiteze? Ni ibiki umwe wese muri mwebwe atari asanzwe azi yamenye ku wundi?

Ivyawe Iyumvire impuzu kanaka ugomba kwambara canke kugura.

Kubera iki uyikunda? Shira inomero ku bituma biri aha hepfo ukurikije ivyo woshira imbere y’ibindi.

․․․․․ Izina ryayo

․․․․․ Irakwegera abo tudasangiye igitsina

․․․․․ Irashimwa n’urunganwe

․․․․․ Iranyorohereza

․․․․․ Igiciro

․․․․․ Ikindi ․․․․․

Abavyeyi banje bayibonye bashobora kuzoca bavuga bati:

□ “Ntuhirahire!”

□ “Kumbure vyoshoboka.”

□ “Nta ngorane.”

Banse, birashoboka cane ko vyoba bitumwe n’iyi mpamvu:

□ “Iravyurira abandi inambu y’umubiri.”

□ “Imeze uko yishakiye.”

□ “Ni agaharawe birenze.”

□ “Iradutukisha twebwe abavyeyi bawe.”

□ “Irazimvye cane.”

□ Ikindi ․․․․․

Twoba dushobora guhuza kuri ibi?

Ni igiki nshima mu vyiyumviro vy’abavyeyi banje?

․․․․․

Nimba bishoboka, hokorwa iki kugira ngo iyo mpuzu ishobore kwambarwa?

․․․․․

Ivy’abavyeyi bawe Iyumvire impuzu kanaka umwana wanyu w’umuyabaga agomba kwambara canke kugura.

Mwiyumvira ko ari kubera iki ayikunda? Shira inomero ku bituma biri aha hepfo mukurikije ivyo mwiyumvira ko yoshira imbere y’ibindi.

․․․․․ Izina ryayo

․․․․․ Irakwegera abo tudasangiye igitsina

․․․․․ Irashimwa n’urunganwe

․․․․․ Iranyorohereza

․․․․․ Igiciro

․․․․․ Ikindi ․․․․․

Ndayibonye noca mvuga nti:

□ “Ntuhirahire!”

□ “Kumbure vyoshoboka.”

□ “Nta ngorane.”

Sinoyishima bitumwe n’iyi mpamvu:

□ “Iravyurira abandi inambu y’umubiri.”

□ “Imeze uko yishakiye.”

□ “Ni agaharawe birenze.”

□ “Iradutukisha twebwe abavyeyi bawe.”

□ “Irazimvye cane.”

□ Ikindi ․․․․․

Twoba dushobora guhuza kuri ibi?

Iyo mpuzu twoba tuyanse kubera gusa ivyo twebwe dushima?

□ Ego □ Kumbure □ Oya

Nimba bishoboka, hokorwa iki kugira ngo iyo mpuzu ishobore kwambarwa?

․․․․․

Ico dushitseko ․․․․․

[Uruzitiro ku rup. 84]

Abahungu bo bite?

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zivugwa muri iki kigabane ziraraba n’abahungu. Niwambare rupfasoni. Nureke umuntu wawe yihishije wo mu mutima, ni ukuvuga ico uri koko imbere, yigaragaze. Igihe uzirikana impuzu yinaka, niwibaze uti: ‘Izohishura iki ku binyerekeye? Ico ihishura coba gihuye n’uko meze koko?’ Uribuka yuko inyambaro yerekana ico uri. Nurabe neza ko impuzu wambara zihuye koko n’ivyo wemera!

[Ifoto ku rup. 80]

Impuzu zawe ni nk’icapa kimenyesha abantu ivyawe vyose. None icapa cawe kikuvugako ibiki?