Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gutuntura gutya vyoba ari ibisanzwe?

Gutuntura gutya vyoba ari ibisanzwe?

IKIGABANE CA 16

Gutuntura gutya vyoba ari ibisanzwe?

Naho iki kigabane kivuga canecane ibijanye n’ukubura umuvyeyi, ibivugwamwo birakora n’igihe umuntu yabuze uwundi wese wo mu muryango canke umugenzi somambike.

“Igihe mama yapfa, narataye umutwe, numva umenga ubuzima burahagaze. Ni we yari atumye umuryango wacu wunga ubumwe.”—Karine.

MU BUZIMA ni ibintu bikeyi bibabaza rwose nk’ukubura umuvyeyi. Inyuma y’urwo rupfu, hari aho wobwirizwa kunyinyana n’inyiyumvo zitandukanye utari bwigere ugira. Uwitwa Brian, akaba yari afise imyaka 13 igihe se wiwe yapfa ahitanywe n’indwara y’umutima, avuga ati: “Mw’ijoro twamenya iyo nkuru, nta kindi twakoze atari ukurira n’ukugumbirana.” Natalie yari afise imyaka cumi igihe se wiwe yapfa ahitanywe na kanseri. Yibuka ibi: “Sinabona uko nokwifata. Nari natimvye. Nari meze nk’igiti.”

Abantu ntibamererwa kumwe iyo babuze. Nakare, Bibiliya ivuga yuko “umwumwe wese” afise “icago ciwe n’ububabare bwiwe.” (2 Ngoma 6:29) Ufise ico kintu ku muzirikanyi, iyumvire gatoyi ingene wamerewe umaze kubura umuvyeyi wawe. Andika aha munsi (1) ingene wumvise umerewe ucumva iyo nkuru be (2) n’ingene wumva umerewe ubu. *

1 ․․․․․

2 ․․․․․

Hari aho inyishu watanze zoba zerekana ko uriko urasubirana, n’imiburiburi ku rugero runaka. Ivyo ni ibisanzwe. Ntibisigura ko wibagiye umuvyeyi wawe. Canke na ho, hari aho woba ugifise umubabaro nk’uwo wari ufise ico gihe, canke mbere ukaba warongerekanye. Hari aho intuntu ufise yoba imeze nk’imipfunda y’ikiyaga iguma igenda yongera igaruka, hanyuma ikisuka ku nkengera bitari vyitezwe. Ivyo na vyo nyene ni ibisanzwe, naho vyoshika haciye imyaka umuvyeyi wawe apfuye. Ikibazo rero ni iki: Wokwihanganira gute intuntu urimwo, uko yoba imeze kwose?

Ntureke kurira! Kurira birafasha kugabanya umubabaro uterwa n’intuntu. Ariko rero, woshobora kwumva umerewe nka Alicia, uwari afise imyaka 19 igihe nyina wiwe yasandaba. Yigana ati: “Ico gihe numva umengo hamwe nokwerekana ko mfise umubabaro urenze, abandi bohava babona ko ntagira ukwizera.” Mugabo niwiyumvire: Yezu Kristu yari umuntu atunganye yizera rwose Imana. Yamara ‘yarakoroye amosozi’ igihe Lazaro umugenzi wiwe yakunda cane yari yapfuye. (Yohani 11:35) Ntutinye rero gukorora amosozi. Ntibisobanura ko udafise ukwizera! Alicia avuga ati: “Nahavuye ndira. Emwe ndarira cane. Imisi yose.” *

Ntiwiyagirize. Uwitwa Karine yari afise imyaka 13 igihe nyina wiwe yapfa. Avuga ati: “Imisi yose naraduga mw’igorofa ngasoma mama nkamwipfuriza ijoro ryiza. Igihe kimwe sinabigize. Bukeye mama yarapfuye. Naho womengo ntivyumvikana, ndumva niyagiriza kubera ntaduze kumuraba muri iryo joro rya nyuma, no kubera ivyabaye bukeye. Papa yari yafashe urugendo rw’akazi, akaba yari yadusavye twe na mwene wacu kuraba mama. Mugabo twararyamiriye. Igihe ninjira mu cumba kwa mama nasanze kaciye. Numvise niyanse cane, kuko papa yari yamusize akomeye!”

Nk’uko kwa Karine, ushobora kwumva hari ukuntu wiyagiriza kubera ibintu utitwararitse gukora. Woshobora no kwitako umwikomo uti: “Ese iyo. . . ” ‘Ese iyo mbwira papa akamujana kwa muganga.’ ‘Ese iyo nja kuraba ingene mama amerewe hakiri kare.’ Nimba ivyiyumviro nk’ivyo bikubujije amahoro, niwibuke ibi: Ni ibisanzwe kwicuza ku bintu wiyumvira ko wari kuba wagenjeje ukundi. Ico womenya co ni iki: wari kubigenza ukundi iyo uba uzi ivyobaye. Ariko nta vyo wari uzi. Ku bw’ivyo, ntukwiye kwiyagiriza. Si wewe watumye umuvyeyi wawe apfa! *

Nuserure ukuntu umerewe. Mu Migani 12:25 havuga hati: ‘Ijambo ryiza riranezereza.’ Kuzibiranya inyiyumvo vyoshobora gutuma bikugora kwihanganira intuntu ufise. Yamara, ubwiye umuntu wizigiye uko umerewe, bizotuma akubwira “ijambo ryiza” ryo kukuremesha igihe nyene urikeneye.

Nubiyagire Imana. Ntuzobura kwumva umerewe neza niwamara gusenga Yehova Imana ‘ukamusukira ibiri mu mutima wawe.’ (Zaburi 62:8) Isengesho si uburyo gusa bwo gutuma wumva uruhutse. Ni ukwitura ya “Mana y’uruhoza rwose, iyiduhoza mu makuba yacu yose.” (2 Abakorinto 1:3, 4) Imana iraduhoza biciye kw’ijambo ryayo Bibiliya. (Abaroma 15:4) Ubona gute none ugumanye hafi ivyanditswe nka bingahe bishobora kuguhoza? *

Intuntu si ikintu kimara akanya gato. Ariko Bibiliya irashobora kuduhoza, kubera ko idukura amazinda yuko mw’isi nshasha Imana igiye kuzana, ‘urupfu rutazoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.’ (Ivyahishuwe 21:3, 4) Na wewe woshobora gusanga kuzirikana ku mihango nk’iyo bigufashije kwihanganira urupfu rw’umuvyeyi wawe.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 6 Nimba bikugoye cane kwishura ivyo bibazo ubu, woshobora kugerageza kubigira ikindi gihe.

^ ing. 10 Ntiwiyumvire ko ubwirizwa kurira kugira werekane ko utuntuye. Abantu ntibatuntura kumwe. Igihambaye ni iki: Wumvise amosozi aje, numenye ko ico gishobora kuba ari “igihe co kurira.”—Umusiguzi 3:4.

^ ing. 12 Nimba ivyiyumviro nk’ivyo bibandanije kukubuza amahoro, nubiyagire umuvyeyi usigaranye canke uwundi muntu akuze. Uzoteba ubone ibintu mu buryo bwiza.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”—Ivyahishuwe 21:4.

IMPANURO

Guma ufise ahantu wandika utuntu. Wanditse ivyiyumviro vyawe ku bijanye n’umuvyeyi wabuze, vyoshobora kugufasha cane kwihanganira intuntu.

WARI UBIZI . . . ?

Kurira si ikimenyetso c’ubugoyagoye. Mbere n’abagabo bari bafise ukwizera gukomeye nka Aburahamu, Yozefu, Dawidi, na Yezu barakoroye amosozi igihe bari batuntuye.—Itanguriro 23:2; 50:1; 2 Samweli 1:11, 12; 18:33; Yohani 11:35.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ninumva ndengewe n’intuntu, nzoca ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi nsigaranye kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki ari vyiza kuzirikana ku bintu vyiza wibuka ku muvyeyi wabuze?

● Kubera iki kwandika ivyiyumviro vyawe bishobora kugufasha kwihanganira intuntu?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 112]

Naguma niyumya ngo sinserure umubabaro mfise. Iyo ndabiyagira abandi, vyari kurushiriza kungirira akamaro. Vyari kunyorohera kwihangana.’’—David

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 113]

CHANTELLE

“Papa yari amaze nk’imyaka itanu arwaye, kandi yaguma aremba. Nari mfise imyaka 16 igihe yiyahura. Inyuma y’aho, mawe yaguma atumenyesha twe na musazanje mukuru ivyariko biraba vyose. Mbere yaradusavye guterera ivyiyumviro ku bijanye n’amaziko. Ivyo vyaratumye turushiriza kwumva tworohewe. Nibaza ko abana badashima kubona ko hari ivyo babahisha, na canecane ibintu bikomeye nk’ivyo. Uko igihe cagiye kirarengana, narashoboye kuvuga ata ngorane ivy’urupfu rwa papa. Igihe cose naba numvise ngomba kurira, naca ngenda ahantu canke ku mugenzi nkarira. Impanuro notanga rero ni iyi: Wumvise ushaka kuvuga ivy’urupfu rw’umuvyeyi, niwegere umuryango wawe n’abagenzi. Ico vyosaba cose ko ukora ngo userure intuntu, nugikore.”

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 113, 114]

LEYA

“Igihe nari mfise imyaka 19, mama yarafashwe n’indwara ikomeye yonona ubwonko, haciye imyaka itatu aca arapfa. Amaze gupfa, numva ko ntegerezwa kwigumya. Iyo ntigumya papa ntivyari kumworohera. Nkiri mutoyi, igihe naba ndwaye canke ntiyumva neza, mama yanguma hafi. Ndibuka ingene yahora ankorakora yumviriza ko nshushe. Akenshi iyo ndamwibutse birambabaza. Ndagerageza kwiyumanganya, ariko si vyiza. Ni co gituma rimwe na rimwe mpora ndaba amafoto kugira gusa nshobore kurira. Kuganira n’abagenzi na vyo nyene biramfasha. Bibiliya isezerana ko abapfuye bazozuka bakaba mw’isi izoba yahindutse Iparadizo. (Yohani 5:28, 29) Iyo nzirikanye ku cizigiro c’uko nzosubira kumubona nkongera nkazirikana ico nkwiye gukora kugira nzobe ndahari, imisonga y’intuntu iragabanuka.”

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 114]

BETHANY

“Ese iyaba nibuka igihe noba narabwiye papa nti: ‘Ndagukunda.’ Ndazi ko nabimubwiye, ariko sinibuka igihe, kandi noshima kucibuka. Igihe yapfa nari mfise imyaka itanu gusa. Umusi umwe papa asinziriye, yarafashwe n’indwara yonona ubwonko baca bamunyarukana kwa muganga. Bukeye mvyutse, nagiye numva ngo yapfuye. Inyuma y’aho vyarangora kuvuga ivyerekeye papa, ariko nahavuye mpimbarwa no kwumva inkuru zimwerekeye kuko ivyo vyamfashije kumumenya neza. Impanuro noha uwo wese yabuze umuvyeyi ni iyi: Niwibuke ibihe vyiza wamaranye n’umuvyeyi wawe mbere uvyandike ahantu kugira ntuvyibagire. Nuce ukora uko ushoboye kwose ngo ukomeze ukwizera kwawe kugira uzobe uhari umuvyeyi wawe niyazuka mw’isi nshasha y’Imana.”

[Uruzitiro ku rup. 116]

Ivyiyumviro wokwifashisha

Andika ivyiyumviro vyawe

Andika ibintu bimwebimwe vyiza wibuka ku muvyeyi wawe. ․․․․․

Andika ivyo ubona ko wari ukwiye kubwira umuvyeyi wawe igihe yari akiri muzima. ․․․․․

Dufate ko ufise mutoyi wawe yiyagiriza ku bijanye n’urupfu rw’umuvyeyi wanyu. Andika ivyo womubwira kugira umuhumurize. (Ivyo na wewe birashobora kugufasha kutiyagiriza.) ․․․․․

Andika ibintu bibiri canke bitatu ubona ko wari ukwiye kumenya ku muvyeyi wawe yapfuye, uce usaba umuvyeyi usigaranye muganire kimwe muri vyo. ․․․․․

Soma Ivyakozwe 24:15. Icizigiro kivugwa muri ico canditswe kigufasha gute kwihanganira urupfu rw’umuvyeyi wawe?

[Ifoto ku rup. 115]

Intuntu yoshobora kumera nk’imipfunda y’ikiyaga yisuka ku nkengera bitari vyitezwe