Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Novavanura gute n’ibiyayuramutwe?

Novavanura gute n’ibiyayuramutwe?

IKIGABANE CA 35

Novavanura gute n’ibiyayuramutwe?

WOBA wariziziwe n’ibiyayuramutwe? Woshobora kuba uzi ko biriko bironona ubwenge bwawe n’umubiri wawe. Woshobora no kuba waragerageje guheba iyo ngeso ariko ugaca uyisubira. Nimba ari ukwo, ntiwihebure. Hariho abatsinze ingeso yo kwizizirwa n’ibiyayuramutwe, na wewe urashobora kuyitsinda! Nk’akarorero, raba ivyo abantu batatu baciye mu buzima butandukanye bavuga ku bijanye n’ingene bavavanuye n’iyo ngeso.

IZINA: Marta

IVYO NACIYEMWO Mawe yamvyaye atarubaka urwiwe. Rero, twe na mwene wacu twakuze tutagira dawe. Kuva mfise nk’imyaka 12, naratanguye kuza ndaja mu bibanza vyo gutambiramwo njanye na mamawacu yakunda gutamba. Nari umuntu ashikirana cane n’abandi, nkaba rero ntatevye kwifatanya n’abantu b’ingeso mbi. Natanguye kunywa ibiyayuramutwe mfise imyaka 13. Naratanguye kandi kunywa ikiyayuramutwe citwa kokayine. Mu ntango, nararyoherwa no kunywa ibiyayuramutwe. Mugabo haciye igihe, natanguye kuza ndabona mu bwenge ibintu bitabaho, ntangura no gutinya ibintu vyose. Ibiyayuramutwe bimvuyeko, naca niyumvira kwiyahura. Narashaka kubiheba bikanka.

INGENE NAVAVANUYE NA VYO Naratanguye kwiyumvira ivyerekeye Imana, mbere ndaja mu misa incuro nka zingahe. Ariko nta co vyamariye atari ukurushiriza kumvuna umutima. Mfise imyaka 18, naragiye kubana n’umuhungu twakundana hanyuma turavyara umwana. Igihe navyara agahungu kanje vyatumye ndushiriza kwipfuza guhindura uburyo nari mbayeho. Hari umuntu yahora ari umugenzi wanje yimukiye mu nzu yari ibangikanye n’iyo twabamwo. Yarangendeye maze ambaza amakuru yanje. Naramwiganiye ibiri ku mutima wanje vyose. Yambwiye ko yari asigaye ari Icabona ca Yehova, aca ansaba ngo twigane Bibiliya. Naremeye.

Naramenye ko uburyo nari mbayeho butahimbara Imana be n’uko nabwirizwa guheba ibiyayuramutwe n’itabi. Mugabo ibiyayuramutwe vyari vyaranyigaruriye. Naringinga Yehova Imana kenshi ku musi ngo amfashe kuvavanura n’ingeso zanje mbi. Nashaka kumuhimbara. (Imigani 27:11) Haciye amezi atandatu niga Bibiliya nongera nifatanya n’Ivyabona vya Yehova, narashoboye guheba ibiyayuramutwe. Ubu mfise ubuzima burushirije kugira intumbero. Sinkiguma nihebuye. Naramenyanye n’umukirisu umwe ameze neza cane maze turubakana. Narareze umuhungu wanje mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ndakengurukira Yehova cane kuba yarumvise amasengesho yanje akamfasha!

IZINA: Marcio

IVYO NACIYEMWO Nakuriye ku mpera y’igisagara citwa Santo André kibamwo abantu benshi co muri leta ya São Paulo muri Berezile. Natanguye kunywa itabi, ibiyayuramutwe, no kwiba nkiri muto. Abatari bake mu bagenzi banje bari ibisuma vy’imiduga n’abadandaza b’ibiyayuramutwe. Umwe muri bo yaraha abakiri bato bo mu karere kacu ibiyayuramutwe ku buntu. Bimaze kubizizira, baca babwirizwa kuza baramushorera.

Igipolisi cama kigendura akarere kacu. Narafashwe akatari gake mporwa amakosa matomato, igihe kimwe na ho banyikeka ko ndandaza ibiyayuramutwe. Kenshi narabika mu nzu yanje ibintu be n’inkoho akagwi kamwe k’inkozi z’ikibi kaba kasahuye.

Abantu barantinya. Amaso yanje yari yaratukuye. Sinigera ntwenga. Nkako, mu maso nama nsa n’umwicanyi. Bari bantaziriye “Tufão” (Gihuhusi) kubera ko aho naja hose natera umudurumbanyo. N’ikindi kandi, naranywa cane kandi nari igihumbu. Benshi mu bagenzi banje barapfuye canke batabwa mw’ibohero. Nari narihebuye cane ku buryo naboheye umugozi kw’ishami ry’igiti hanyuma ngerageza kwimanika.

INGENE NAVAVANUYE N’IBIYAYURAMUTWE Narasavye Imana ngo imfashe. Nahavuye mpura n’Ivyabona vya Yehova maze ntangura kwiga Bibiliya. Naramenye ko Imana ifise izina ry’uruharo, ari ryo Yehova, be n’uko yitwararika ikongera igafasha abihatira kubaho bisunga ingingo ngenderwako zayo. (Zaburi 83:18; 1 Petero 5:6, 7) Hari ibintu vyinshi nabwirizwa guhindura. Kimwe mu vyari bigoye kurusha ibindi kwari ukwiga kumwenyura.

Sinahengeshanya gusaba Yehova ngo amfashe, kandi narashize mu ngiro impanuro Bibiliya itanga. Nk’akarorero, narahagaritse kwifatanya n’abahoze bitwa ngo ni abagenzi banje, ndirinda no kuja mu bubare. Aho kwifatanya na bo, nahisemwo kwifatanya n’abantu babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Rwabaye urugamba rugoye, ariko sinkiri umusuma n’uwuteza ingorane. Ubu haraciye imyaka irenga cumi ntanywa ibiyayuramutwe.

IZINA: Craig

IVYO NACIYEMWO Narerewe kw’iyororero ryari mu bumanuko bwa Ostraliya. Dawe yari yariziziwe n’inzoga. Bavanye na mawe igihe nari mfise imyaka umunani. Mawe yarubakanye n’uwundi mugabo, ndaheza ngumana na we gushika mfise imyaka 17. Muri uwo mwaka narize kumwa ubwoya bw’intama maze ntangura kubana n’umugwi umwe w’abakora ico gikorwa waza uragendagenda urondera akazi. Naratanguye kunywa ibiyayuramutwe bitandukanye no kunywa inzoga zirenze urugero. Narateretse imishatsi, ndayishiramwo ibintu bituma itanyerera, nca ndayitsibiramwo udusharizo. Nahavuye mba umuntu w’ishari kandi w’inkazi, arakara cane. Incuro nka zingahe naratawe mw’ibohero.

Narimukiye mu gasagara gatoyi mu burengero bwa Ostraliya, mbana n’umukobwa twari dukundanye yasereva mu bunywero bw’ihoteri y’aho hantu. Twese twaranywa itabi n’inzoga, kandi twararima marijuwana.

INGENE NAVAVANUYE N’IBIYAYURAMUTWE Igihe Ivyabona vya Yehova badodora ku rugi rw’inzu yacu ishaje kandi yatabagaye, twari duhejeje kwimbura marijuwana. Sinapfuye kwemera ivyo bavuze. Ahubwo riho, uko igihe cagiye kirahaca, narasuzumye ndabona ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri. Maze, intambwe ku yindi naratsinze imwimwe yose mu ngorane nari mfise.

Sinatevye kumenya ko nabwirizwa kuvavanura n’ingeso yo kunywa marijuwana. None ivyo vyasaba iki? Nari narakoze ndatama mu kurima ico kiyayuramutwe, ari co gituma nabanje kwiyumvira guha uwo murima uwundi muntu. Mugabo narabonye ko uwo atari wo muti, nca ndabirandagura. Isengesho ryaramfashije cane kuvavanura n’ibiyayuramutwe be n’inzoga zirenze urugero. Narasenze Imana ndayisaba impwemu yayo kugira imfashe kurwana urwo rugamba no kurutsinda. Narahagaritse kandi kwifatanya n’abantu batuma mbandanya ingeso mbi nari mfise. Uko nagenda ndamenya ivyo Bibiliya yigisha nkongera nkabishira mu ngiro, ni ko naronka ugutekanirwa kwo mu mutima nari nkeneye kugira ntsinde tumwetumwe mu tunenge nari mfise muri kamere yanje. Umukobwa twakundana na we nyene yarize Bibiliya hanyuma arahindura ingeso ziwe n’uburyo yari abayeho. Twarubakanye. Ubu tumaze imyaka 21 dufise amagara meza kuruta, kandi turahimbawe no kurera abana babiri. Sinshaka no kwiyumvira ukuntu ubuzima bwanje buba bumeze iyo Yehova atamfasha guhindura ukuntu nari mbayeho.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Yehova [ni] we nkomezi zanje n’ubushobozi bwanje.”—Yesaya 12:⁠2.

IMPANURO

Nimba bishoboka, niwirinde abantu, ibibanza n’ibintu bifitaniye isano n’ingeso wahorana yo kunywa ibiyayuramutwe. Ubushakashatsi bwerekana ko kubona gusa kimwe muri ivyo bintu ­bishobora gutuma usubira kwipfuza ibiyayuramutwe.

WARI UBIZI . . . ?

Kunywa ibiyayuramutwe birashobora guhungabanya ukuntu ubwonko bwawe bukora.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Bishitse ngasubira kunywa ibiyayuramutwe, nzoca ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki vyoshobora gukenerwa ko umuntu agira ibintu bikomeye ahinduye mu kuntu abayeho nimba ashaka kuvavanura n’ibiyayuramutwe?

● Kwiga ukuri kwerekeye Imana bishobora gute kugufasha?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 253]

“Kubera mbayeho nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ubu ndafise agahimbare n’intumbero mu buzima.’’—Marta

[Ifoto ku rup. 256]

Kuvavanura n’ikintu cakwiziziye ni nko guhunga uva mu nzu iriko irasha. Hari ivyo uheberayo, ariko urarokora ubuzima