Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu ngirakamaro!

Inyishu ngirakamaro!

AKAJAMBO K’INTANGO

Inyishu ngirakamaro!

‘Noganira gute n’abavyeyi banje?’, ‘Noronka gute abagenzi?’, ‘Gupfa kwiryamanira bitwaye iki?’, ‘Kubera iki ngira umubabaro mwinshi?’

Nimba umaze kwibaza ibibazo nk’ivyo, nturi wenyene. Ushobora kuba wahawe inyishu zidahuye, bivanye n’aho warondereye ubuyobozi. Mu ntumbero yo gufasha urwaruka kuronka impanuro zirashe rushobora kwihekako, muri Nzero 1982 ikinyamakuru Be maso! caratanguye gusohora urukurikirane rw’ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza . . . ” Naho haciye imyaka mirongo, ivyo biganiro biracaryohera abantu benshi. Kugira ngo ikiganiro kimwekimwe cose gitunganywe, haba hagizwe ubushakashatsi bugera kure. Nkako, kugira ngo abanditsi b’ikinyamakuru Be maso! bamenye ukuntu urwaruka rwiyumvira be n’ukuntu rwiyumva, baraganiriye n’abakiri bato amajana bo mu mihingo yose yo kw’isi! Ariko igihambaye kuruta, ni uko impanuro zitangwa muri ivyo biganiro “Urwaruka ruribaza” zishingiye kw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya.

Iki gitabu ufise casohowe ari bwo bwa mbere mu 1989. Ariko rero, ibigabane bikigize vyarasubiwemwo rwose kugira vyishure ibibazo vya kino gihe. Ibigabane birenga 30 vyaryohowe bikuwe mu biganiro “Urwaruka ruribaza” vyasohotse hagati y’umwaka wa 2004 n’uwa 2011.

Iki gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro (Igitabu ca 1), kizokuronsa ivyo ukeneye kugira ube umuntu akuze yitwararika ibintu. Turizigiye ko niwashira mu ngiro impanuro gitanga, uzoba mu bantu amamiliyoni bagizwe n’urwaruka be n’abakuze ‘ububasha bwabo bwo gutegera bwamenyerejwe gutandukanya iciza n’ikibi, biciye ku gukoreshwa.’—Abaheburayo 5:14.

Abagisohoye