Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noshika gute ku migambi yanje?

Noshika gute ku migambi yanje?

IKIGABANE CA 39

Noshika gute ku migambi yanje?

Muri ibi bikurikira, ni ikihe woshima kuronka?

□ Ukurushiriza kwiyizigira

□ Abandi bagenzi

□ Agahimbare kiyongereye

MU BISANZWE, urashobora kubironka vyose uko ari bitatu! Uti gute? Mu kwishingira imigambi kandi ukayishikako. Rimbura ibi bikurikira:

Kurushiriza kwiyizigira. Niwishingira imigambi mitomito ukayishikako, uzoca wiyumvamwo ko ushoboye kwishingira n’iyihambaye kuruta. Ivyo bizotuma kandi urushiriza gushira umutima mu nda igihe uhangana n’imikazo yo mu buzima bwa misi yose, nk’ukunanira akosho k’urunganwe.

Kuronka abandi bagenzi. Abantu bararyoherwa no kuba bari kumwe n’abantu bakunda kwishingira imigambi, ni ukuvuga abantu bazi ico barondera kandi biteguriye gukora kugira bagishikeko.

Kurushiriza kuronka agahimbare. Tubivuge tubisubire, kurambirwa canke kurindira ureze amaboko ko ibintu vyikora mu buzima bwawe, ntibiryoshe. Ariko igihe wishingiye imigambi kandi ukayishikako, uriyumvamwo ko hari ico washitseko koko. Woba witeguriye gutangura? Ibiri ku mpapuro zikurikira bizogufasha! *

✔ 1 NUMENYE IYO ARI YO

1. Iyumvire imigambi woshobora kwishingira. Nubigire nk’uwuriko ariryohera! Ntiwinjire mu tuntu tw’ido n’ido; we gusa pfa kwandika ivyiyumviro vyinshi bishoboka. Nurabe ko ushobora kuronka n’imiburiburi imigambi 10.

2. Suzuma iyo migambi. Ni iyihe muri yo isa n’iyigushimisha kuruta iyindi? Ni iyihe igoye kuruta iyindi? Ni iyihe canecane wohimbarwa no gushikako? Uribuka ko imigambi myiza kuruta iyindi ari iyo wewe ubona ko ihambaye kuruta iyindi.

3. Shinga iyikwiye kuja imbere. Nutondeke imigambi yawe uhereye ku yo wipfuza gutangura gushikako.

✔ 2 NUTEGEKANYE

Ku mugambi umwumwe wose wishingiye, nugire ibi bikurikira:

Andika uwo mugambi.

Kwiga icongereza kugira bizomfashe mu rugendo nzogira muri Uganda

Shinga igihe co kuwushikako. Nakare, umugambi utagira igihe co kuwushikako, uba ari indoto nsa!

Ku wa 1 Mukakaro

Tegekanya intambwe uzotera.

Intambwe

1. Kurondera agatabu k’amajambo akunda gukoreshwa.

2. Kwiga amajambo cumi mashasha buri ndwi.

3. Kwumviriza abandi bantu bavuga icongereza.

4. Gusaba umuntu ngo asuzume indimburo nkoresha be n’ukuntu natura amajambo.

Iyumvire intambamyi zoshika. Nuce wiyumvira ingene uzozitsinda.

Intambamyi zishobora gushika

Nta n’umwe avuga icongereza mu babanyi

Gira umwiyemezo. Niwiyemeze gukora uko ushoboye ngo uwushikeko. Ca ushirako umukono n’itariki.

Ingene nozitsinda

Kuvoma ku muhora wa “Internet” www.pr418.com amayagwa yo kwumviriza ari mu congereza

․․․․․ ․․․․․

Umukono Itariki

✔ 3 NUGIRE ICO UKOZE!

Nutangure udatebaganye. Niwibaze uti: ‘Nokora iki uno musi kugira nshike ku mugambi nishingiye?’ Ego ni ko, hari aho woba utararinganiza utuntu twose, mugabo ntureke ngo bikubuze gutangura. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “niwarindira ko umuyaga n’ikirere bimera neza, ntuzokwigera utera ikintu na kimwe kandi ntuzokwigera wimbura ikintu na kimwe.” (Umusiguzi 11:4, Today’s English Version) Nurondere ikintu wokora uno musi, naho coba ari gito, maze ugikore.

Nusuzume imigambi yawe ku musi ku musi. Niwiyibutse igituma umugambi umwumwe wose uhambaye kuri wewe. Nuze uraraba aho ugejeje uwo mugambi mu gushira aka kamenyetso ✔ (canke itariki) iruhande y’intambwe imwimwe yose uko uyirangije.

Nukoreshe ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira. Nutereze amaso imbere use n’uwubona mu bwenge washitse ku mugambi wawe. Nuse n’uwiyumvamwo umunezero uva ku kuba washitse kuri uwo mugambi. Ubukurikira, subiza amaso inyuma uzirikane intambwe wagiye uratera, use n’uwubona mu bwenge imwimwe yose muri zo. Ubwa nyuma, numere nk’uwibona uriko urasozera intambwe imwimwe yose, maze wiyumvire umunezero uzogira niwashika ku mugambi wawe. Jako rero!

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 10 Ivyo vyiyumviro bigenewe kugufasha mu bijanye n’imigambi woshikako mu gihe gito, ariko ibivugwamwo birerekeye n’imigambi woshikako mu gihe kirekire.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.”—Imigani 21:5.

IMPANURO

Nturondere kwumira ku kantu kose nk’uko wagategekanije. Nuhuze n’uko ibintu vyifashe, ugire ivyo uhinduye uko utera imbere mu mugambi wawe.

WARI UBIZI . . . ?

Uko umugambi urushiriza kuba uwuhambaye, ni ko urushiriza kwumva ko uhimbawe iyo uwushitseko!

UVYIBAZAKO IKI?

● Vyoba bishoboka ko umuntu yishingira imigambi myinshi cane icarimwe?—Abafilipi 1:10.

● Kwishingira imigambi vyoba bisobanura ko ukwiye gutegekanya akantu kose ukora mu buzima bwawe?—Abafilipi 4:5.

[Iciyumviro ku rup. 283]

“Biroroshe ko ucika intege igihe ata mugambi utomoye canke ushimishije ufise. Mugabo igihe wishingira imigambi ukayishikako, urumva uryohewe.’’—Reed

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 283]

Akarorero k’imigambi wokwishingira

Ubugenzi Kurondera umugenzi atari mu bo tungana. Kunagura ubugenzi bwa kera.

Amagara Kumara n’imiburiburi iminuta 90 buri ndwi ninonora imitsi. Kuryama amasaha umunani buri joro.

Ishure Kuronka amanota meza mu biharuro. Gushigikira ibigororotse igihe abandi banyoheje gukora ikintu kibi.

Ugusenga Gusoma Bibiliya iminuta 15 ku musi. Kubwira ivyo nemera umunyeshure twigana muri iyi ndwi.

[Ifoto ku rup. 284, 285]

Imigambi ni nk’imigero y’inyubakwa. Bisaba ko ugira ico ukoze kugira ngo ivemwo ikintu kiboneka